Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yabandanirije urugendo rwiwe I Bata muri Guinée Equatoriale

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yabandanirije urugendo rwiwe I Bata muri Guinée Equatoriale

 

Kw’igenekerezo rya 04 Munyonyo inyuma y’umutaga, ni ku musi ugira gatatu w’urugendo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yaragiye i Malabo, neza na neza mu gisagara co ku nkengera y’ibahari ca Bata, igisagara ca kabiri kikaba n’umurwa mukuru w’ubutunzi ca Guinée Équatoriale.

Akihashika, Umukuru w’igihugu Ndayishimiye Evariste ari kumwe n’umutambukanyi wiwe baragendeye ku cibutso cubakiwe abasoda baguye ku rugamba kw’igenekerezo rya 03 Myandagaro 1979, aho bashizeko urugori rw’amashurwe.

Umukuru w’igihugu yaciye yerekeza ku kivuko ca Bata, ahubatswe vuba inyubakwa nini cane ifasha igihugu ca Guinée Équatoriale gushora ivyo kiba cahinguye mu bihugu bigize Ishirahamwe CEMAC (ishirahamwe riraba ivy’ubutunzi n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri Afrika yo hagati) rikaba rigizwe na Cameroun, Congo, Centrafrique, Tchad, Guinée Équatoriale, n’ahandi rero.

Inyuma y’ikivuko ca Bata, yabaye amahinguriro y’ivyuma yegamiye Groupe ABIYAK yatewe iteka ryo kugenderwa n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi: ahahingurirwa ivyuma vyo kwubaka bita tubes n’ahahingurirwa amabati.

Umukuru w’igihugu n’abo bagendanye bahavuye baja mw’ihinguriro ry’amaterefone manini manini na za mashini-nyabwonko, AFRIONE. Iryo hinguriro risanzwe riri mu gisagara ca Bata kandi rikoresha ubuhinga bugezweho, ryatangujwe icese, haraciye ukwezi kumwe, n’umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale nyenicubahiro Obiang Nguema Mbasogo. Rifise intumbero yo guteza imbere ivyakorewe muri ico gihugu” Made in Equatorial Guinea” kandi abenegihugu b’ico gihugu canke b’ibindi bihugu biri muri ako karere bakaronka ivyo bikoresho uko bavyipfuza.

shares
error: Content is protected !!