Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yaragendeye imigambi y’ubworozi na college y’abigeme vyo mu karere ka Riaba muri Guinée Équatoriale

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yaragendeye imigambi y’ubworozi na college y’abigeme vyo mu karere ka Riaba muri Guinée Équatoriale

 

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 4 Munyonyo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Umutambukanyi wiwe n’abashikiranganji ba Leta batanu bagendanye na we ku rwego rwo hejuru mu rugendo rw’akazi mu gihugu ca Guinée Équatoriale barashitse ku rubuga kwirabira imigambi minini minini y’iterambere mu gisata c’Uburimyi n’ibifungurwa, igisata giteye imbere cane mu ntara ya Bioko-Sur, mu karere ka Riaba.

Mu kibanza cagutse c’amahinguriro afatiye ku bikoko n’ingenzi riri i Riaba, Umukuru w’igihugu yagendeye ihinguriro DOS CABRAS, ubworozi bw’impene zikamwa zizana akarusho kanini kuko, nkuko yabibwiwe bariko baramutembereza muri ico kibanza, izo mpene ni iz’ubwoko bwiza mu gutanga amata menshi kandi zinyaruka kugwira. Amata y’izo mpene asanzwe ari meza ku magara y’abantu, arakorwamwo n’ibindi nk’iforomaji akanahingurwamwo ayandi mata yaourt, umwavu na wo bakawukoresha.

Umukuru w’igihugu nyenicubahiro Ndayishimiye yaragendeye kandi ihinguriro SENIOR CARDO, rishingiye ku ngurube kandi rikaba ari ihinguriro riteye imbere muri Guinée Équatoriale. Abari mu rugendo barashoboye kwirabira ubuhinga bukoreshwa muri ubwo bworozi, n’ukuntu banonosora imibereho y’ibikoko.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yabonye ko ari akarorero keza ku Burundi, ngo kuko na we yipfuza kubona habaye umwimbu mwinshi ufatiye ku bworozi bw’ingurube.

Abo barundi bari muri urwo rugendo barishikiye kandi muri ako karere nyene ka Riaba mw’itongo rya Marcos Obiang Nguema Nsue azwi cane nka LA GRAJA, ku nkengera y’inyanja z’ubworozi bw’amafi, kimwe mu vyihuta kuzokorwa vuba kubw’Umukuru w’igihugu Ndayishimiye.

Mu bisanzwe, ico gikorwa congereza ivyunyunyu mu mubiri bituruka mu bikoko, gisanzwe kiriko kirakorwa mu ntara zose z’Uburundi ziri kure y’ibiyaga.

“Hejuru yo kwongereza ingaburo y’umubiri, ubworozi bw’ifi burazana akarosho mu buryo bw’amafaranga”, uko ni ko Umukuru w’igihugu Ndayishimiye asigura avuga ati nta co tutazokora kugira ngo umunwa wose uronke ico ufungura, umufuko wose na wo ngo uronke amafaranga umuntu yikorako.

Urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe mu karere ka Riaba rwasozerewe n’ukugendera collège y’abigeme ba Guinée Équatoriale, ishure ry’uburaro, umugambi munini cane watangaje Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Ndayishimiye Angeline, asanzwe afise ishirahamwe Bonne Action-Umugiraneza ryitaho indero y’umwigeme mu kumutegura kuzoba umukenyezi w’agaciro mu muryango no mu kibano.

shares
error: Content is protected !!