Kirundi || Français

UMUSHIKIRANGANJI W’IMIGENDERANIRE N’AMAKUNGU W’IGIHUGU CA KONGO YAKIRIWE N’UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI

UMUSHIKIRANGANJI W’IMIGENDERANIRE N’AMAKUNGU W’IGIHUGU CA KONGO YAKIRIWE N’UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI

Kuri uyu wa 5 Gitugutu 2020 igihe c’isaha icumi (16h00), Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yakiriye Umushikiranganji w’Imigenderanire n’amakungu w’Igihugu ca Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo (RDC), Umupfasoni Marie TUMBA NZEZA, yariko arasozera urugendo rw’imisi ibiri yariko agira mu gihugu c’Uburundi.
Uwo mubonano wabereye Kukirimba c’Umukuru w’Igihugu.
Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ahejeje gushikirizwa indamutso za Mugenzi we Umukuru w’Igihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, Nyenicubahiro Félix-Antoine TSHISEKEDI TSHILOMBO, yaciye aha ikaze Umushitsi, aramushikiriza muri make uko igihugu cifashe, aramwibutsa ko Uburundi na Kongo ari ibihugu bifitaniye ubucuti bwa hagufi. Babandanije baganira ibijanye n’imigenderanire y’ibihugu vyompi, bashimikiye mu gukomeza umutekano cane cane mu gace ka Kivu yo mu buseruko no Kivu y’uburaruko hamwe n’uguhanahana ibidandazwa.
Umushikiranganji Marie TUMBA NZEZA yakiriwe n’Umukuru w’Igihugu mu nyuma yo kwakirwa no gukorana n’Umushikiranganji Ruberuto SHINGIRO, ajejwe imigenderanire n’amakungu muri Reta ya Repuburika y’Uburundi. Nk’uko yavyiganiye Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE, ibikorwa vyamugenza mu gihugu c’Uburundi vyagenze neza, akaba yiteguriye gutaha ajanye akanyamuneza kadasanzwe. Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yamumenyesheje ko bizomuhimbara kubonana imbona nkubone na Mugenzi we wa Repuburika Iharanira Demokarasi ya Kongo.

shares
error: Content is protected !!