Kirundi || Français

Inkuka y’imisa yo ku munsi w’Imana : Umukuru w’Igihugu ahamagarira Abarundi gufashanya

Inkuka y’imisa yo ku munsi w’Imana : Umukuru w’Igihugu ahamagarira Abarundi gufashanya

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, Ndayishimiye Varisito arikumwe n’umuryango wiwe na bamwe mu barongoye inzego z’igihugu, yifadikanije, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 20/9/2020, n’aba kristu bo mw’ishengero ryitiriwe umweranda Guido Maria Conforti riri muri Komine Ntahangwa, zone Kamenge.

Umukuru w’Igihugu yaboneyeho akaryo  ko kubashikiriza intasho z’Abanyatanzaniya, yahawe biciye kuri mugenziwe, Umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya John Pombe Joseph Magufuli,  mu gihe yari yagize urugendo rujanye n’akazi muri ico gihugu, aho hakaba hari kuri uyu  wa gatandatu igenekerezo rya 19/9/2020.  Yabamenyesheje rero ko abenegihugu ba Tanzaniya bipfuriza Abarundi amahoro,kuroranirwa , gutunga no gutunganirwa.

Yabamenyesheje kandi ko kubona yaje gusangira na bo igisabisho arikumwe n’umuryango wiwe biri mu ntumbero yo kubereka urukundo afitiye ababa  mu Kamenge, Izone yari yaraseserejwe n’ivyago Uburundi bwaciyemwo, agashimira Imana ko yahaye Abarundi ubwenge n’ inkomezi zo gusanura igihugu cabo.

Yishimikije ijambo dusanga muri Matayo 6:25-31 yabaremesheje ngo ntibiganyire ku kintu ico ari co cose naho boba bariko baca mu bibazo bikomeye ngo kuko Imana izi ivyo bakenye vyose. Yabasavye gufashanya basangire  muri vyose ngo kuko bagize umuryango umwe w’Abarundi.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu arikumwe n’umuryango wiwe yifadikanije kandi n’aba kristu bo mw’Ishengero ry’Abagenzi ryo mu Kamenge, aho na ho nyene akaba yabashikirije ubutumwa buvuye kuri bene wabo baba Tanzaniya, ahejeje gushimira Imana ko yamuhaye kugira urugendo rwiza muri ico gihugu.

Sabarundi yatanze ubutumwa bw’ihumure kandi kuba kristo bo mw’Ishengero ry’Abagenenzi, akaba ari n’ishengero ryamureze mu buryo bw’impwemu kuva akiri muto nkuko yabimenyesheje. Yabasavye kutiganyira ngo ntibazohave bagwa mu mageragezwa.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yarangije abasaba amasengesho, ngo baze bame bamusengera hamwe n’umuryango wiwe ngo kugirango azoshobore gutunganiriza Abarundi bose arongowe na Mutima Mweranda.

Tubamenyeshe ko umurwi w’abaririmvyi ugizwe n’umuryango w’Umukuru w’Igihugu wahawe akanya ko guhimbaza Imana ku vyiza n’ubuntu Imana yawugiriye.

 

 

 

 

 

 

shares
error: Content is protected !!