Kirundi || Français

Urugendo rw’Umukuru w’Igihugu muri Tanzaniya rwabaye ngirakamaro ku mpande zose

Urugendo rw’Umukuru w’Igihugu muri Tanzaniya rwabaye ngirakamaro ku mpande zose

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, yaragendeye igihugu ca Tanzaniya, ku wa 19 Nyakanga 2020, akaba yari yitavye ubutumire bwa mugenzi we Nyenicubahiro Dr. John Pombe Magufuli. Urwo rugendo rukaba rwabereye mu ntara ya Kigoma. 

Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yakiriwe icese, ku kibuga citiriwe ikiyaga Tanganyika, aho haciye haraswa imizinga ishika ku 21 aca yongera arangenzura ingabo z’igisirikare kijejewe gukingira abenegihugu “Jeshi la Ulinzi la Wananchi”(JWTZ), zari zateguwe kugira zihe icubahiro uwo mushitsi.

Inyuma yo kumwakira icese, Nyenicubahiro John Pombe Magufuli na Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye bararamikije abenegihugu b’intara ya Kigoma bari baje kwakira abo bashitsi. Ivyo birangiye, abo bakuru b’ibihugu baciye baja ahitwa Bangwe, aho buguruye inyubakwa ya kijambere izokoreramwo Sentare Nkuru y’Igihugu, ishami rya Kigoma. Inyuma y’ivyo, abo ba Nyenicubahiro baciye baja ku kirimba gitoya c’Umukuru w’Igihugu kiri i Kigoma, aho baganiririye baca bongera basangira imfungurwa z’umutaga bongera barashikiriza abamenyeshamakuru ivyo bashitseko.

Nyenicubahiro Prezida Magufuli y’a rash imite Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye kuri urwo rugendo rwa mbere agize kuva yimitswe mu mabanga yo kurongora igihugu, akaba arugize muri Tanzaniya, yongera amenyesha ko ico ari ikimenyetso kitabesha ko Tanzaniya n’Uburundi, atari ibihugu bigenzi, canke bibanyi, ahubwo ko ari ibihugu bivukana, kandi bukaba ari ubucuti bushitse.

Mw’ijambo yashikirije, Nyenicubahiro Prezida Magufuli yavuze ko Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye bumvikanye gutsimbataza no guteza imbere gusumvya imigenderanire no gufashanya hagati ya Tanzaniya n’Uburundi harimwo no kwongereza urugero rw’urudandazwa no gushinga imitahe, gutsimbataza amahoro n’umutekano, guteza imbere ivyo gutwara abantu n’ibintu, guhanahana abahinga n’ubuhinga mu bijanye n’ubutunzi kama nk’ubutare n’ingenzi.

Nyenicubahiro Prezida Magufuli yamenyesheje ko kuva mu mwaka w’2016 gushika ubu, urudandazwa hagati ya Tanzaniya n’Uburundi rwiyongereye kuva ku miriyaridi 115 n’ibice 15 gushika ku miriyaridi 201 z’amafaranga y’amashiringi, intumbero ikaba ari kwongereza umurindi n’urugero kugira ivyo bihugu vyose bihatorere akoyokwe.

Muri iyo ntumbero nyene, Nyenicubahiro Prezida Magufuli yamenyesheje ko bumvikanye ko ubwa mbere hokwubakwa vuba ibarabara ry’indarayi riva Uvinza (Tanzaniya) – Musongati (Burundi) – Gitega (Burundi), ico gice kikazofatanywa mu nyuma n’irindi barabara ry’indarayi ry’umuhora wo hagati ryubatse ku buhinga bugezweho kugira ukwunguruza ibintu bitandukanye harimwo n’ubutare bwa Nickel buri i Kabanga muri Tanzaniya na Musongati mu Burundi vyorohe.

Vyongeye, Nyenicubahiro Prezida Magufuli yamenyesheje ko Tanzaniya yafashe ingingo ihambaye ijanye no gukomeza urudandazwa n’Uburundi biciye mu guteza imbere kurusha ikivuko ca Dar-es-salaam no kwubaka inzira y’indarayi y’umuhora wo hagati, ku buhinga bugezweko (SGR), izova Dar-es-salaam gushika Kigoma, ifatane n’ibarabara ry’indarayi ryo mu Burundi, kwagura ikibuga c’indege ca Kigoma, kugura indege nshasha zizokora ingendo zo kuva Kigoma zija Bujumbura, atahandi zibanje guca, no kwagura ikivuko ca Kigoma ku rundi rugero ko kizoca kiba ica mbere mu bivuko vyose biri ku kiyaga Tanganyika.

Ibindi bizokorwa mu guteza imbere amabarabara, nk’uko Nyenicubahiro Prezida Magufuri yabimenyesheje, ni kugura ubwato bubiri (bumwe buzotwara ibidandazwa bufise ububasha bwo kwikorera itoni 4000 n’ubundi buzoba bufise ubushobozi bwo gutwara abantu 600 n’itoni 400), no kunagura ubwato bubiri MV Liemba na MV Sangari, buzokunguruza abantu n’ibintu mu kiyaga Tanganyika. Yarakeje kandi Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye ku ngurane y’imiriyaridi 23 z’amadorari y’abanyamerika yaronse yo kunagura no kwagura ikivuko c’i Bujumbura.

Si ivyo gusa, Nyenicubahiro Prezida Magufuli yarakeje Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye ku kuntu yatsimbataje amahoro n’umutekano mu Burundi no guhamagarira impunzi guhunguka kugira bubake igihugu cabo, igihugu kikaba catanguye gutera intambwe mu vy’ubutunzi, aho abasanzwe bari bafashanya n’uburundi mu vy’iterambere basubiye kuvyura imigenderanire n’ico gihugu. 

Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye, yari t’agite aherekejwe n’Umutambukanyi wiwe Umupfasoni Angeline Ndayishimiye, abashikiranganji batanu n’abagwizatunga. Yarashimiye Nyenicubahiro Prezida Magufuli, kubona yaramutumiye ngo agire urugendo rwiwe rwa mbere hanze y’igihugu, muri Tanzaniya, aho yavuze ko Tanzaniya ari muhira kandi ko Uburundi bushimira Tanzaniya ku migenderanire yaranze ivyo bihugu na cane cane mugihe c’amakuba nobmuguha ubuhungiro impunzi.

Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye yamenyesheje ko Uburundi bwiteguriye gutsimbataza imigenderanire na Tanzaniya, harimwo no gukoresha ikivuko ca Dar-es-salaam, ahaca ibice birenga 95 kw’ijana vy’ivyinjira mu Burundi, yongera arakeza Nyenicubahiro Prezida Magufuli ku kuntu yahinduye igihugu ca Tanzaniya, harimwo n’igisagara ca Kigoma, aho cateye intambwe iboneka mu kiringo c’imyaka itanu iheze. 

Nyenicubahiro Prezida Ndayishimiye yarangije ijambo ryiwe amenyesha ko mu Burundi ari amahoro, impunzi ziriko zirahunguka ku bwinshi, kandi ko Reta ibandanya ihamagarira abenegihugu kuja kukivi, baterere mw’iterambere, mu vy’ubutunzi, nomu kwubaka igihugu cabo.

shares
error: Content is protected !!