Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu ahamagarira Abarundi gutsimbataza urukundo no gufatana munda

Umukuru w’Igihugu ahamagarira Abarundi gutsimbataza urukundo no gufatana munda

Kuri uyu w’Imana, igenekerezo rya mbere Munyonyo 2020, Umuryango w’Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Général Major Varisito NDAYISHIMIYE wifadikanije n’Abakristu ba Paroisse Murayi, ikukira Archidiocèse ya Gitega, mu nkuka ya misa y’uno musi.

Mu gihe uyu musi wahuriranye n’ihimbazwa ry’umusi mukuru w’aberanda bose, Patiri mukuru wa paroisse Murayi,muri iyo nkuka ya misa, yisunze inkuru nziza ya Yezu-Kristu nkuko yanditswe na Matayo ikigabane ca 5:1-12, yavuze ko aberanda bamwe bamwe, harimwo n’abigiswa ba Yezu, bahamwe, ariko bakaba baragumije ibanga ry’ukwemera kwabo. Apollinaire Ntakarutimana yibukije abakristu ko « inzira yonyene yo gushika mu bweranda ari ukwakira Yezu-Kristu, no gukurikira inzira yiwe».

Mw’ijambo ryiwe ryo kuramutsa abakristu b’i Murayi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yabipfurije umusi mukuru mwiza w’abatagatifu bose.

Umukuru w’Igihugu arashima umutima w’urukundo wamye uranga abakristu bo muri iyo paroisse, aca abahamagarira na ntaryo kuwukomeza. Yagize ati : « Mwamye mwerekana muri mwebwe umutima wuzuye urukundo. Ndabipfurije gushishikara muri iyo nzira nziza yo gukomeza urwo rukundo hagati yanyu no kwama mufatana munda ».

shares
error: Content is protected !!