Kirundi || Français

Abacamanza bashasha ba Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro barahiye imbere ya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu

Abacamanza bashasha ba Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro barahiye imbere ya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu

Kuri uyu wa 21 Kigarama 2020, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yateye iteka igikorwa co kurahira icese ku bacamanza ba Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro, akaba ari nawe yari agihagarariye. Ibirori vyabereye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Abo bacamanza bakaba barahiye imbere y’Imana Mushoboravyose, imbere y’Umukuru w’Igihugu n’imbere y’abaserukira abenegihugu. Ivyo birori vyari vyitabwe kandi n’abandi banyecubahiro batari bake, aha tukavuga nk’Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, abarongoye inzego nkuru z’umutekano n’iz’ukwivuna abansi, n’abandi.

Mw’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu No 100/118 ryo kuwa 18 kigarama 2020, rigena umukuru wa Senatre yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro, icegera ciwe n’abandi bagize iyo Sentare, Umukuru w’Igihugu yaraye agenye Valentin BAGORIKUNDA ngo arongore iyo Sentare, Emmanuel NTAHOMVUKIYE nawe agenwa kuba icegera c’umukuru w’iyo Sentare, bakaba bafise ikiringo c’imyaka 8.

Iryo tegeko ry’Umukuru w’Igihugu nyene rigena Liboire NKURUNZIZA kuba mu bagize iyo Sentare, akaba afise ikiringo c’imyaka 8, nayo Jeanne HABONIMANA na Salvator NTIBAZONKIZA bakaba bagenywe nabo nyene kuba mu bagize iyo Sentare mu kiringo c’imyaka 5, aho ni mu gihe Bède MBAYAHAGA na Jean Pierre AMANI nabo nyene bagenywe kuba mu bagize iyo Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Nshingiro, bakaba bafise ikiringo c’imyaka 3.

shares
error: Content is protected !!