Kirundi || Français

Sebarundi asaba amashirahamwe yigenga gukorera mu runani na Reta, mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi y’igihugu. 

Sebarundi asaba amashirahamwe yigenga gukorera mu runani na Reta, mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi y’igihugu. 

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE, kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 20 Kigarama, mu gihe yari yifadikanije n’abakristo b’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi, mu birori vyo kwinjira icese ingoro y’Imana nshasha ya Paroisse Carama-Gahahe mu ntara ya  Bujumbura, yasavye amashirahamwe yigenga gukorana mu runani na Reta, mw’ishirwa mu ngiro ry’imigambi yayo, ku neza y’abarundi bose izo mpande zose uko ari zibiri zikorera.

Ivyo yabishikirije ahejeje  gushima ibikorwa birangurwa n’Ishengero Méthodiste Libre mu Burundi mu guterera mw’iterambere ry’igihugu, na cane cane mu bisata vy’amagara y’abantu n’indero. Yasavye iryo shengero kugwiza ibisata basanzwe bafashamwo, kugirango bashishikare guterera mw’iterambere ry’igihugu n’abenegihugu.

Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yaboneyeho n’akaryo ko kubipfuriza Noheli nziza n’umwaka mwiza wa 2021, akipfuzako wobabera umwaka w’umunezero, amahoro n’iterambere.

Mu nsiguro z’ijambo ry’Imana ryo kuri uyo musi, Musenyeri Deogratias Nshimiyimana akaba yishimikije ivyanditswe vyera dusanga muri Matayo  21:12-17, no mub’i Korinto 6 :19. Aho yavuze kukamaro k’ingoro y’Imana. Ati ingoro y’Imana ni iyo gusengeramwo, gutangiramwo amashimwe kandi ngo niho ubushobozi bw’Imana bugaragarira. Yarabandanije ati  kugirango ivyo bishoboke nuko abakirisu bokwihana bakweza vyukuri.

Iyo ngoro y’ishengero Méthodiste Libre ikaba yubatswe kuburyo bungana imiriyoni ibihumbi amajana atanu z’amafaranga y’amarundi(500000Million), akaba yatanzwe n’abakirisu bo muriryo shengero hamwe n’abakunzi biryo shengero.

Tubamenyesheko murivyo birori kabayo akaryo ko gushimira abitanze bose  mu buryo bumwe canke ubundi kugirango iryo shengero ryubakwe. Abafashije muburyo buboneka bakaba bararonkejwe ampapuro z’iteka kugikorwa baranguye.

 

 

shares
error: Content is protected !!