Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yatangaje ko hazoba amasengesho yo gushimira Imana mu gusozera umwaka wa 2020

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yatangaje ko hazoba amasengesho yo gushimira Imana mu gusozera umwaka wa 2020

 

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yatanguje Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 19 Kigarama 2020, mu nkuka y’imisa yo kwinjira icese paruwase yitiriwe Regina Mundi iherutse gusubirwamwo, ko hazoba amasengesho yo gushimira Imana azobera i Mutaho kuva kw’igenekerezo rya 28 gushika 31 Kigarama.

Mw’ijambo yashikirije, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yakeje indongozi za diocèse nkuru ya Bujumbura ku kuntu bahimbaje umusi mukuru Ku ntumbero zitatu: guhezagira isengero Regina Mundi riheruka gusubirwamwo, kwugurura umwaka w’ubutumwa 2020-2021, n’ihimbazwa ry’imyaka 61 diyosezi ya Bujumbura ibayeho.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yagize ati Abarundi turi abana b’Imana, aca aributsa ko Umukuru w’Igihugu arahira imbere y’Imana n’Abarundi nkuko Ibwirizwa Nshingiro ry’Uburundi ribivuga.

Ati iyo turavye kahise k’Uburundi aho tugeze naho turiko turaja, turemeza yuko turi Kumwe n’Imana, kandi dutegerezwa kuyishimira. Yaciye asaba abakozi b’Imana gushigikira Leta mu bikorwa vyayo, ati kanatsinda ibikorwa bitegekanijwe na diyoseze birasa n’ibiri mu mugambi w’igihugu w’iterambere.

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi ntiyahengeshanije gutekerera impanuro abakozi b’Imana mu bijanye no kwubaha amategeko, bashire mu bikorwa umuhamagaro wabo, no kurwanya ico cose kidahwanye n’ubugombe bw’Imana. Kabaye n’akaryo ko kunegura abungere bamwe bamwe basigaye barwana.

Mu gusigura ijambo ry’Imana, Musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura Gervais Banshimiyubusa yagaragaje umunezero wo kuba bahimbaje Yubile y’imyaka 50 Regina Mundi imaze, ati kuko tutigeze duhimbaza yubire zone yaba iy’imyaka 25 canke iya 50 kubera impamvu za politike.

Musenyeri yaciye ashikiriza ibikorwa bitegekanijwe vy’ubutumwa vya diyoseze ya Bujumbura, aca asaba abo vyega bose gushigikira uwo mugambi wagutse wa diyoseze, kuko nkuko abivuga, usaba uburyo bwinshi haba mu bijanye n’ibikoresho, abakozi, canke ibijanye n’ivy’imitima.

Twobamenyesha ko abasenyeri bahoze batwara  diyoseze ya Bujumbura ari bo Musenyeri Ntamwana Simoni na Musenyeri Ngoyagoye Evariste bari bitavye ivyo birori.

shares
error: Content is protected !!