Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yuguruye icese umwiherero w’abagize Reta kugira binegure ku vyaranguwe

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yuguruye icese umwiherero w’abagize Reta kugira binegure ku vyaranguwe

 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yuguruye icese ku murwa mukuru wa politike i Gitega, umwiherero wa Reta ku wa kabiri igenekerezo rya 21 kigarama 2020 kugira inzego nshasha zashinzwe amezi 6 arangiye zinegure.

Mw’ijambo yashikirije, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yibukije intumbero y’uwo mwiherero, ko arukurabira hamwe ko boba barakoze neza ivyafunditswe mu mwiherero uheruka wabereye mu ntara ya Ngozi, hari kw’igenekerezo rya 21 na 23 mukakaro 2020.

Ati aka n’akaryo ko kwibukanya ivyo dutegerezwa gukora nk’indongozi mu bisata bitandukanye vya Reta mvyeyi Reta Nkozi mu gutunganiriza abenegihugu.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yibukije ko ibwirizwa shingiro mu ngingo ya 18 ko yerekana neza ico indongozi zihamagariwe. “kuraba yuko Reta iriko irakora ku neza y’Abarundi yo soko ry’ububasha n’ubutegetsi bwayo.”

Kizigenza wa Republika y’Uburundi yarangije yipfuza yuko mu mwaka uza boba bari kumwe n’indongozi zose zihamagariwe guteza imbere abenegihugu.

Uyo mwiherero witabwe n’abagize Reta y’Uburundi, ivyegera vyabo, n’abanyamabanga ntayegayezwa, bari kumwe n’inzego zo mu biro vy’Umukuru w’Igihugu.

shares
error: Content is protected !!