Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba Abarundi bose gusubira ku karanga ko gushigikirana

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba Abarundi bose gusubira ku karanga ko gushigikirana

Mu gihe kuri uyu wa 20 Kigarama 2021 yari aramutse yugurura icese ibikorwa vy’inama ya bose igira 7 y’umurwi w’igihugu ujejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE, akaba ari na we arongoye uyo murwi, yasavye Abarundi bose kugaruka ku mico n’akaranga vyamye biranga ba sokuru, cane cane umuco wo kwitwararikana no gushigikirana.

Muri iyo nama yabaye iyigira kabiri Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye arongoye kuva ashikiriye amabanga yo kurongora Uburundi, abafashe amajambo bose bashimye umwitwarariko Reta y’Uburundi ifise wo gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu bose, kuko itibagiye no kubishira muri wa mugambi w’igihugu ujejwe iterambere wo kuva mu mwaka wa 2018 gushika muri 2027 (PND).
Uwaserukiye ibanke y’isi yose akaba ari na we yavugira abafashanya n’Uburundi mu migambi y’iterambere yamenyesheje ko bazokwama bashigikira imigambi yose ya reta ishikana umwenegihugu wese w’Umurundi ku gukingirwa no gutegekanirizwa kazoza, batibagiye gushigikira intumbero ya Reta y’Uburundi yo kuzamura abenegihugu bafise amikoro make.

Umushikiranganji wo Gushigikirana Imelde Sabushimike nawe yagarutse ku bimaze gukorwa kugira ngo Umwenegihugu wese ashobore gukingirwa no gutegekanirizwa kazoza, ni nk’amategeko avuga ibijanye no gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu atarakijanye n’ibihe yamaze guhinyanyurwa ageze mu nama nshingamateka. Yashikirije kandi ibimaze kurangurwa mu ntumbero yo gushigikira abagendana ubumuga no kuvuza abakukuruke, etc.

Umunyamabanga nshirwabikorwa ntayegayezwa w’umurwi w’igihugu ujejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu yaciye irya n’ino ivyaranguwe muri uno mwaka, afatiye ku vyari bitegekanijwe kurangurwa, agashimishwa k’urugero rwa 81% rw’ivyo bashitseko. Aha yashikirije nk’akarorero ko umugambi Merankabandi wahora ukorera mu ntara zine gusa z’igihugu, ugiye gukorera mu gihugu cose.

Mw’ijambo ryo kwugurura icese iyo nama ya bose igira indwi y’ umurwi w’igihugu ujejwe gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisto NDAYISHIMIYE yabanje kwibutsa ko muri iyi misi ibitigiri vy’abantu bandura ikiza ca Corona virus vyasubiriye kuba vyinshi, agahamagarira rero nzina murundi wese kugerageza gukurikiza za mpanuro zo gukinga no gukingira abandi, mugushira mu ngiro ca civugo kivuga ngo : « Ndakira nsinandura kandi nsinandukiza. »

Ku bijanye rero no gukingira no gutegekaniriza kazoza abenegihugu, Sebarundi yavuze ati : “Iyemezwa ry’Umugambi w’Igihugu ujejwe Gukingira no Gutegekaniriza Kazoza Keza Abenegihugu mu mwaka wa 2011, ryagaragaje ko Reta ifise umwitwarariko udasanzwe, kugira ngo umwenegihugu wese abeho neza. Ni muri iyo ntumbero nyene yo kurondera ubuzima bwiza bw’abenegihugu, urwego nshingwabikorwa rw’igihugu asanzwe arongoye rwagumijeho ingingo zari zarafashwe kuva mu mwaka w’2005 zo kwitaho abenegihugu, nko kwakira abibaruka ku buntu, kuvura abana batarenza imyaka itanu y’amavuka, kwigisha abana bo mu mashure shingiro ku buntu, n’ibindi”

Ku bijanye n’Umugambi Merankabandi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye ashimitse abajejwe intwaro bose kuva hasi gushika hejuru ko uyu mugambi Merankabandi bowugira rwabo kugira utunenge twagiye turibonekeza hirya no hino ntituze twongere kuboneka.
Ati ihangiro nyamukuru ry’uburongozi bw’igihugu nk’uko yabandanije abishikiriza akaba ari Iryo gukora ibishoboka vyose kugira ngo umurundi wese aronke ubuzima bwiza mu gihugu biciye mu kubafasha gushigikira ubuvuzi bubereye kandi butavuna. Hakaba hakorwa ibishoboka vyose babifashijwemwo n’abagenzi bafata mu mugongo Reta y’Uburundi kugira ubuzima bw’abenegihugu bwazingamitswe n’ibihe Uburundi bwaciyemwo buvyuke.
Yahamagariye kandi Abarundi bose kuguma ku karanga kamye karanga basokuru ko kwitwararikana, gufatana munda no gushigikirana, ari naho impfuvyi n’abafise amikoro make boshigikirwa bihereye mu kibano maze gutyo Abarundi bose bagatera imbere atawusigaye inyuma.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko reta y’Uburundi yitwararitse rwose imirwi y’abantu nk’abakukuruke, abageze mu zabukuru batishoboye, abagendana ubumuga ari na co gituma yahamagariye abarongoye amashirahamwe ya ONPR na INSS guheraheza vuba bwango ikibazo co kuvuza abakukuruke.
Sebarundi, akaba kandi yaboneyeho akaryo ko gushima ibikorwa vyaranguwe n’abigenga mu gushira mu ngiro uwu mugambi w’Igihugu. Ati : « ihangiro ni rimwe ryo guharanira ineza ya bose mu kurwanya ubukene. Na none nk’uko twama tubivuga «Turi kumwe twese birashoboka », kandi ngo: “Agakurikiwe n’abagabo ntikabasiga”.

shares
error: Content is protected !!