Kirundi || Français

Uburundi na Reta zunze ubumwe za Amerika biyemeje gukorana kugira batsimbataze imigenderanire

Uburundi na Reta zunze ubumwe za Amerika biyemeje gukorana kugira batsimbataze imigenderanire

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahaye umubonano kuri uyu musi wa kabiri ku Kirimba c’i Gitega, uwuserukira Reta zunze ubumwe za Amerika, umupfasoni Mélanie Harris Higgins. Mu vyo bayaze, bashimikiye cane cane ku gutsimbataza imigenderanire y’ubucuti no gufashanya yari ihasanzwe. Barabiye hamwe imigambi y’iterambere mu Burundi, imigambi abanyamerika bafisemwo uruhara mu guterera inguvu za Reta mu bisata bitandukanye nko mu burimyi, amagara y’abantu, ubutare,…

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagize ati:
“Turabona neza ko murangura neza ibikorwa vyanyu vy’ubuserukizi, kuko abanyamerika baja bamaze gushika mu Burundi kugira ngo bashire imitahe yabo mu bisata bitandukanye, ikimenyetso c’uko Reta zunze ubumwe za Amerika ziyemeje kudushigikira mw’iterambere ry’ubutunzi n’imibano vy’igihugu cacu”.

Ati: “Turashima ko igihugu cacu giherutse gukurwa ku rutonde rw’ivyigwa mu Nama y’Umutekano ya ONU, rero Uburundi bwategerezwa gushigikirwa n’amakungu kugira ngo bugume butekanye kandi butere imbere”; ivyo akaba yabivuze asaba ico gihugu ca rutura mu vy’ubutunzi, ndetse n’ibindi vyose gushigikira igihugu nk’Uburundi ari ho kikiva mu bihe bigoye.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yeretse uwo mushitsi inguvu Reta iriko irakoresha mu bisata bitandukanye nko mu bijanye n’intwaro ibereye, uburimyi n’ubworozi, intwaro, gusubiza hamwe benegihugu, ibijanye no kugwiza ibifungurwa no gufungura neza n’ibindi, agashima kandi intambwe igezweko.

Yanacishijemwo ikibazo c’umutekano wama uriko urahungabanywa mu Buseruko bwa Repubulika iharanira demokarasi ya Congo n’imirwi yitwaje ibirwanisho, imirwi y’iterabwoba iba iyo mu karere k’Ubuseruko canke Afrika yose.

Ati: ” Turitanga uko dushoboye kugira turwanye ako kabi mugabo uburyo ni buke cane”.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yanamumenyesheje ingorane zifatiye ku nyubako rusangi, amabarabara, iz’umuyagankuba,..etcAti: ” Uburundi burafise ibikwiriye kugira butere imbere ariko habuze umutahe, ariko turashima intererano z’abadahengeshanya kudushigikira kuko ziradutera intege.

Uwuserukira Reta zunze ubumwe za Amerika umupfasoni Mélanie Harris Higgins yerekanye na we ko igihugu ciwe giterera mw’iterambere ry’Uburundi biciye mu mashirahamwe, mu rudandazwa, mu bikorwa vy’amagara y’abantu bikorerwa ku bitaro vya Kibuye mu ntara ya Gitega, no mu gushigikira imigenderanire myiza. Uwo muserukizi yaciye amenyesha Umukuru w’igihugu ko ata co atazokora kugira ngo imigenderanire y’ubucuti no gufashanya hagati y’ivyo bihugu bibiri ikomere.

shares
error: Content is protected !!