Kirundi || Français

Mu gusozera Umwiherero w’abagize Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta, Umukuru w’Igihugu yatanze inyigisho zo kuzirikana igihugu ku bayobozi bakuru muri Reta

Mu gusozera Umwiherero w’abagize Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta, Umukuru w’Igihugu yatanze inyigisho zo kuzirikana igihugu ku bayobozi bakuru muri Reta

 

Kuri uyu wa 5 Munyonyo 2021, mu ntara ya Gitega, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yatanze inyigisho zo kuzirikana igihugu ku barongoye inzego nkuru nkuru z’igihugu, abayobozi bakuru muri Reta, mu mashirahamwe no mu bisata vyegukira Reta, inyigisho yatanze inyuma y’umwiherero w’Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi wari watunganijwe kugira barabe ko urwo rwego ruramira abenegihugu nkuko bitegerezwa.

Intumbero nyamukuru y’uwo mwiherero kwari ukurabira hamwe yuko imigambi yashizwe imbere iriko irashirwa mu ngiro, kugira ngo intumbero nyamukuru ya Reta -Myeyi, Reta-Nkozi yuko umunwa wose uronka ico ufungura, umufuko wose nawo ukaronka amafaranga yo kwikenura ishikweko.

Abagize Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi bararabiye hamwe rero ko muri rusangi imigambi yashizwe imbere iriko irashirwa mu ngiro mu bisata bitandukanye bigize ubuzima bw’igihugu. Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yabasavye kumenya ko babwirizwa gukorera hamwe mu runani rw’intamenwa, bakamenya ko basangiye ugupfa n’ugukira.

Muri uyo mwiherero, kwari ugusuzuma kandi ko imigambi Reta yashize imbere muri iki kiringo yashitsweko, narirya umwaka wa mbere ugiye kurangira, uwundi ukaba wimirije gutangura, kugira rero basozere umwaka birimbuye mu kuraba aho bitoba vyaragenze neza maze bashobore kuhagorora mu mwaka uzokurikira.

Muri uwo mwiherero kandi, bararabiye hamwe ko mu bikorwa bikuru bikuru Reta yiyemeje vyashitsweko, aha tukavuga nko gukingira abenegihugu, kuraba ko ivyipfuzo vyabo vyashitsweko mu kubateza imbere, hamwe rero no kuraba ko ineza yabo yitwararitswe. Abagize Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta bararabiye hamwe, igisata ku gisata ingorane zoba ziri mu gihugu, hamwe n’inyishu zotangwa.

Inyigisho zo kuzirikana igihugu nazo zasozereye uyo mwiherero, inyigisho zari zihurikiyemwo abashikiranganji, abaserukira ibisata bikuru bikuru vya Reta, abayobozi bishikira n’abanyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji, abayobozi bakuru mu bushikiranganji no mu bisata bitandukanye vyegukira Reta, zari zishimikiye ku bijanye no gutsimbataza intwaro ibereye mu bisata vyose, gukunda igihugu n’iterambere ry’igihugu. Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabasavye na cane cane ku gufatana mu nda mu gusenyera ku mugozi umwe mu bisata vyose, narirya ngo “Tubiri tuvurana ubupfu”.

shares
error: Content is protected !!