Kirundi || Français

Kwubahiriza amategeko niwo mushinge w’iterambere

Kwubahiriza amategeko niwo mushinge w’iterambere

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yifadikanije kuri uyu wa Mungu, n’abakirisu b’Ishengero rya Méthodiste Libre mu Burundi mu birori vyo kwinjira ingoro y’Imana ya paruwase Gishingano yubatse ku musozi wa Gishingano, muri komine Isare, intara ya Bujumbura, aho yahimiririje abarundi kwubaha Imana n’amategeko.

“Ugutera imbere kw’Uburundi kuzovana n’ukuntu abarundi mu bumwe bwabo, bubashe Imana mu kubungabunga ingabire y’igihugu bahawe n’Imana biciye mu kwubahiriza amategeko” ni uko Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ashimangira aravye ivyaranze Uburundi na Israël muri kahise.

Umukuru w’igihugu aremeza yuko ivyo Bibiliya idondagura nk’ivyiza biri muri ico gihugu cari gifitaniye isezerano n’Imana no mu Burundi ari ko biri. Ati ni ubutunzi ku Barundi babwirizwa kubungabunga no gukoresha mu kwiteza imbere.

Yongeye kumenyesha yuko Abanyisraeli batubereye akarorero mu kwiyunga kandi Imana yari yabahanye bakicana hagati yabo, natwe ari ko dukwiye kwiyunga tukegeza kure ico cose codutandukanya, ati kuko imisi yose ikibi Imana yamye igihana, kurenga amabwirizwa birimwo.

Ibirori vyo kwugurura ingoro y’Imana ya Gishingano kabaye akaryo ko gushimira abitanze bose, uhereye ku Mukuru w’igihugu gushika ku mukirisu mutoyi kubw’ibikorwa vyakozwe kugira ngo ico kibanza kizama cambarizwamwo Umwami w’abami kiboneke.

Twobamenyesha yuko iryo Shengero rimaze imyaka 45 rishinze imizi aho mu Gishingano, muri ako karere kiswe Ntahangwa y’Ubuseruko.

shares
error: Content is protected !!