Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba Abarundi gutsimbataza urukundo, amahoro n’ukunywana vyo soko ry’iterambere rirama

Umukuru w’Igihugu asaba Abarundi gutsimbataza urukundo, amahoro n’ukunywana vyo soko ry’iterambere rirama

Mu gihe yari yifadikanije n’abakristu ba Diyoseze ya Ngozi mu nkuka ya misa yo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 29 Myandagaro 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi bose muri rusangi, n’abakristu na cane cane, gutsimbataza urukundo, amahoro n’ubumwe mu bantu, vyo soko n’inkingi y’iterambere rirama.

Mw’ijambo yashikirije ryo kuramutsa abakristu imbere y’uko iyo nkuka ya misa yo kuri uyu musi w’Imana wa nyuma w’ukwezi kwa Myandagaro 2021 itangura, aho mbere yari yaherekejwe n’Umuryango wiwe, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahamagariye kandi zina mu rundi wese gukunda igihugu Imana yamuhaye, kugikorera, kugiteza imbere no kugikingira, atibagiye no gukingira ibidukikije.

Mu nsiguro z’Ijambo ry’Imana ryo kuri uyu musi, Musenyeri wa Diyoseze Mugabekazi w’i Fatima ya Ngozi Georges Bizimana, yishimikije injiri nyeranda ya Yezu-Kristu nkuko yanditswe na Ruka ( 7:1-8), aca ahamagarira abakristu kwubaha amategeko n’amabwirizwa y’Imana.

Afatiye ku mico n’imibereho y’abafarizayo, biboneka ko yari itandukanye n’intumbero ya Yezu Kristu ku kugene abantu b’Imana bokwigenza, Musenyeri Georges Bizimana yahamagariye zina mu kristu wese kwitahura no kurangwa n’inyifato ibereye abakristu.

shares
error: Content is protected !!