Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba abarimyi gukorera mu mashirahamwe kugira barwize umwimbu

Umukuru w’Igihugu asaba abarimyi gukorera mu mashirahamwe kugira barwize umwimbu

 

Kuri uyu wa 8 Mukakaro 2021, muri komine Makebuko intara ya Gitega, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagendeye abarimyi bahurikiye muri koperative Dukorerehamwe, irima igiterwa c’umuceri mu mwonga wa Nyagihundo, aho yifadikanije nabo mu gikorwa co gusarura uyo muceri ku buringanire bungana n’amahegitari 37. Ni umwonga uhuza imitumba 3 y’iyo komine ya Makebuko, ariyo Murago, Muyange na Simba, bakaba biteze umwimbu w’amatoni arenga 200. Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye akaba yasavye abarimyi kwijukira gukorera mu makoperative, kugirango barwize umwimbu.

Muri ivyo bikorwa vyo gusarura umuceri muri uyo mwonga, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko umwimbu mwiza wibonekeza mu gihugu muri kino gihe tuwukesha abarimyi bamaze gutahura ko nyamwigendako atarimira impeshi, gutyo bijukira gukorera hamwe mu mashirahamwe no mu makoperative, kugirango bashobore kwimbura neza. Yateye intege abarimyi batahuye ineza iri mu gushira hamwe amatongo yabo bagakorera hamwe, bakarima igiterwa kimwe, ivyo bigatuma umwimbu wongerekana.
Yasavye abarongoye intwaro kuva ku mitumba gukurikirana no kworohereza abarimyi muri ivyo bikorwa, ati mu mahangiro Reta yihaye harimwo kuzamura igisata c’uburimyi, kugwiza amahinguriro y’ibifungurwa, n’ibindi.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze kandi ko umugambi wo gutunganya neza imyonga n’izindi ndimiro ku buryo bwa kijambere bituma igikorwa c’abafundi b’indimo coroha gusumba, kugira bakurikirane neza abarimyi bongere babaronse inyigisho zijanye no kurima kijambere, bigatuma umwimbu wongerekana. Reta nayo ngo iraheza ikabaronsa imbuto zirobanuye n’ifumbire kw’ideni bazoheza bakariha bashoye umwimbu wabo.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarangije asaba abarundi kwijukira ico gisata c’uburimyi n’ubworozi, aca anabasaba gukingira isi ndimwa mu gutera ibiti bibana n’indimo no guca imikobeko, kugirango barwanye inkukura.

shares
error: Content is protected !!