Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yakiriye Umushikiranganji wa Kenya araba ibijanye n’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko

Umukuru w’Igihugu yakiriye Umushikiranganji wa Kenya araba ibijanye n’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko

 

Kuri uyu wa 8 Mukakaro, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ku kirimba ciwe kiri i Gitega ku murwa mukuru wa politike w’Uburundi, yakiriye Umushikiranganji w’igihugu ca Kenya araba ivy’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, Nyakwubahwa Adan Mohammed. Yaramuzaniye ubutumwa bwa Mugenziwe wa Kenya Nyenicubahiro Uhuru Kenyatta bw’indamutso, yongera aramutsa n’abarundi bose.

Ubwo butumwa kandi bwari ubwo gushimira Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ku rugendo aheruka kugira mu gihugu ca Kenya, aho yaragiye kwifadikanya n’abanya Kenya mu birori vyo guhimbaza umusi bise “Madaraka Day”, ujanye no kwibuka aho bikurako intwaro y’abakoroni, ibirori vyabereye mu gisagara ca Kisumu.

Muri uyo mubonano, baganiriye kandi no ku bijanye no gutsimbataza imigenderanire isanzwe iri hagati y’Uburundi n’ico gihugu ca Kenya, hamwe n’ibijanye n’iterambere muvy’ubunzi n’imibano muri kano karere duhurikiyemwo.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye Nyenicubahiro Uhuru Kenyatta, Umukuru w’Igihugu ca Kenya, akaba ari nawe arongoye muri kino gihe inama y’Abakuru b’Ibihugu bihurikiye mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko, kukugene yitanga atiziganya kugirango uyo muryango utere imbere ku neza y’abenegihugu bose bo mu bihugu bihurikiye muri kano karere.

shares
error: Content is protected !!