Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba Abarundi gukomeza icizere ku Mana, kuyikunda no kurekuriranira

Umukuru w’Igihugu asaba Abarundi gukomeza icizere ku Mana, kuyikunda no kurekuriranira

 

Mw’ijambo yashikirije ku muhingamo wo kuri uyu musi wa mbere w’amasengesho mpuzamadini yo gushimira Imana ku mwaka urangiye ashikiriye amabanga yo kurongora Uburundi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi kubandanya bizera Imana, kuyikunda no kurangwa n’imbabazi. Sebarundi yavuze ko kubona Imana yararemye Uburundi nk’igihugu kigizwe n’umuryango umwe w’abarundi, ari ivyo gushima. Ati Uburundi ni igihugu c’isezerano, kuko ari igihugu camye gikingiwe n’Imana. Ni igihugu Imana yahaye amazi meza, kikanayagaburira n’ibindi bihugu. Yabasavye kwirinda sekibi, boye kumanuza Imana yabakunze.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye Abarundi kuvavanura n’akabi kabishe n’urwanko rufatiye ku macakubiri yatosekaje ikigihigu, kubera bari baribagiye Imana, barata akaranga yabaremanye. Urugendo abarundi harimwo, ntaho rutaniye n’urugendo rw’abanya Isaraeli, bava mu Misiri bajabuka mu gihugu c’isezerano.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, akaba na Samuragwa, yagarutse ku masezerano atari make abarundi bagiraniye n’Imana, barongowe na Sogokuru wabo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, harimwo ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, riha ikibanza ca mbere Imana. Ati kurya ku banya Israël Musa yashikirije Yosuwa isezerano ryabo n’Imana, niko na Sogokuru Petero Nkurunziza yabikoze mu gushikiriza Samuragwa Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye isezerano. Ati ninde rero yohakana ko Uburundi butandukanye na Israyeli.

Umukuru w’Igihugu yasavye kandi abarundi, cane cane indongozi, kwirinda gushavuza Imana kuko ngo ugushavuza Imana ku ndongozi bizana imivumo mu gihugu. Ati abarundi bitwararike Imana, kuko ngo ahari Imana, ntakindi kihavogera. Yasavye abarundi kubandanya bashira Imana imbere muri vyose, bakamenyako sekibi adasinzira, bagume bagavye boye kuryama umukondorazosi kugirango bagume bari mu Mana.

Muri kino gihe kidasanzwe ku barundi co kumenya ukuri no kunwanisha abarundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabasavye kugiriranira ikigongwe, biyambure Sekibi, boye kugira ubwoba, barangwe n’urukundo n’amahoro. Yasavye abarundi kurema bishasha, Uburundi kibe igihugu gishasha.

Yashimiye Imana kubona yarazigamye Uburundi n’abarundi muri uyu mwaka w’umukwanguro, ngo naho benshi batavyibaza. Yabasavye gusaba ikigongwe Imana ku bibi vyose vyaranze igihugu. Muri uyu mwaka wa mbere w’ikiringo co kurongora Uburundi, ati abarundi bakengurukire Imana kuko yabazigamye, ikabakomeza, bakaguma mu makanda ya Sogokuru wabo Nyenicubahiro Petero Nkurunziza.Yarangije asaba abarundi bataye umurongo kwigarura, bakitandukanya n’abanyamahanga batipfuza ko Uburundi butera imbere, anizeza abarundi ko imbere ari heza cane, ko Imana izoguma izigama Uburundi n’abarundi.

shares
error: Content is protected !!