Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye aripfuza ko Urwaruka rw’ubu rwogira ubudasa n’urwa kera

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye aripfuza ko Urwaruka rw’ubu rwogira ubudasa n’urwa kera

 

Mu gihe Ekleziya Katolika iramutse ihimbaza umusi Mukuru w’Umushaha Mweranda wa Yezu Kristu, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye Umukuru w’igihugu c’Uburundi yifadikanije mu gisabisho n’abakirisu ba Paruwase ya Cathédrale Regina Mundi mw’isengero ryitiriwe Mutima Mweranda ry’abapatiri b’abayezuwite riri i Kiriri, aho yamenyesheje abakirisu icipfuzo ciwe co kubona Urwaruka rushasha rukundana rukanakunda ibikorwa.

Ibisomwa vy’uyu musi vyari bishingiye cane cane ku rukundo rw’Imana. Imana igaragara nk’umuvyeyi mwiza, akunda abana biwe. Mugabo ikibabaje nuko Abo bana bagaruka bakibagira uwabaremye n’ivyiza abakorera. Ivyo bisomwa bigaragaza kandi ikibabarwe kidasanzwe Imana igirira igihugu cayo catumye yiyumvira no kubacunguza Umwana wayo.

Yezu Kristu yarashimangiye urwo rukundo aho yacumitwa icumu mu mutima wiwe hagaseseka amaraso n’amazi, ikimenyetso c’urukundo ntangere n’ukwezwa.

Muri ico kinyegezwa, umukirisu wese ahamagarirwa kuba isoko ry’ubuzima kuri mugenziwe. Patiri Védaste Nkeshimana, mu nsiguro yatanze yagize ati “Twifashishije impano twahawe, Yezu Kristu aduhamagarira gufasha, gukomeza, no kwitangira abandi”.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yamenyesheje abarundi ko ari igihe co kwirema bashasha mu ntumbero yo kugira igihugu gishasha, cubakiye ku rukundo no kurekuriranira. Ati: « Ntitwipfuza yuko urwaruka rwacu rukurira muri bimwe twakuriramwo, kuko twebwe twari abanebwe turindiriye akazi ka Reta. Nyabuna twipfuza urwaruka ruzira ubunebwe, rukunda ibikorwa”.
Ntiyibagiye guterereza igisabisho kugira ngo amabanga adasanzwe ajejwe ayarangurane ubwenge n’ubwitonzi.

shares
error: Content is protected !!