Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ahamagarira Abarundi kwitegurira irima ryo mu ci

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ahamagarira Abarundi kwitegurira irima ryo mu ci

 

Mu gihe yari ahejeje kwimbura itoni umunani z’ibigori mu murima uri ku musozi Mpehe wa zone Bugarama mu ntara ya Muramvya, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yasavye abarundi kwitegurira irima ryo mu ci.

Umukuru w’igihugu ati: “Uburimyi ni ihinguriro ridahomba. Turasavye umuryango wose ko wogira akarima k’imboga muri iri rima ryo mu ci”.

Ku buringanire bwa hegitari zibiri n’igice harimwo imwe y’Umukuru w’igihugu, barashoboye kwimbura itoni umunani mu gihe iyo hataba imvura y’igihuhusi yaguye muri ako karere baba bimbuye hagati y’itoni 10 na 13.

Umukuru w’igihugu yahavuye agendera umurima wiwe mwiza cane w’amatunda ateye ku buringanire bwa hegitari zibiri n’igice.

shares
error: Content is protected !!