Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ariteguriye gutsimbataza imigenderanire na Tanzaniya

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ariteguriye gutsimbataza imigenderanire na Tanzaniya

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarungikanye intumwa idasanzwe ikaba n’Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi mu Karere k’Ubuseruko, Urwaruka, Inkino n’imico kama, Ezéchiel Nibigira, ubutumwa Kuri Mugenziwe wa Tanzania Nyenicubahiro Samia Sahulu Hassan, bwo kumubwira icipfuzo ciwe co gutsimbataza imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Mu vyo yashikirije, iyo ntumwa idasanzwe Ikaba n’Umushikiranganji wa Leta y’Uburundi yabanje kumushikiriza ubutumwa bwo kumuhoza mu nyuma y’urupfu rw’uwahoze arongoye ico gihugu Umuhisi J. Pombe Magufuli, imbere yo kumukeza ku kuntu abatanzaniya bamaze gutahura ivya politike n’ubumwe bwabaranze mu gihe co gusubiriza indongozi muri demokarasi.

Iyo ntumwa idasanzwe Ezéchiel Nibigira yabandanije amenyesha ko Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yiteguye gutera iyindi ntambwe mu gutsimbataza umuvukano no gufashanya hagati y’Uburundi na Tanzaniya irongowe na Nyenicubahiro Samia Sahulu Hassan hubahirijwe amasezerano asanzwe yarasinywe yerekeye inyubako rusangi zifasha mu gutwara abantu n’ibintu nk’ibarabara ry’indarayi, amabarabara, mu ndege canke mu mazi.

Yanamenyesheje kandi ko Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ashimira Mugenziwe Samia ku kuntu igihugu ca Tanzaniya gifasha mu bibazo bitandukanye nk’akamo katewe Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ko bwokuraho ibihano bwafatiye Uburundi.

Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya yamenyesheje Umukuru w’igihugu c’Uburundi ko imigambi yose ijanye no gufashanya nk’amabarabara, ibarabara ry’indarayi, ivyo gutwara abantu mu ndege no mu mazi, ivyo bita guichet Unique ni ukuvuga aho ingenzi n’ibidandazwa bisuzumirwa mu kibanza kimwe, n’ ibizokenerwa aho ibarabara ry’indarayi rizogarukira, ati ivyo vyose bizobandanya gukorwa mu ntumbero yo guteza imbere ibi bihugu uko ari bibiri.

shares
error: Content is protected !!