Kirundi || Français

Umuryango wa Sebarundi wasangiye inkuka ya misa n’abakritu b’i Munanira

Umuryango wa Sebarundi wasangiye inkuka ya misa n’abakritu b’i Munanira

 

Kuri uyu wa 14 Ntwarante 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe  n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, basangiye inkuka ya misa n’abakristu ba Paruwasi Munanira ikukira Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, paruwasi iri muri komine ya Rutegama intara ya Muramvya.

Mw’ijambo ry’Imana ryashikirijwe kuri uyu musi w’Imana ugira 4 w’Ikarema, Patiri Mukuru wa Paruwasi Munanira Deogratias NITUNGA, yishimikije Inkuru Nziza ya Yezu-Kristu nkuko ishikirizwa na Yohani (3, 14-21), ahavugwa ingene Imana yakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumwemeye wese ntapfe rubi ariko ahabwe ubuzima budahera, yasavye abakristu guheba ibicumuro no guheba umuzimagiza bakaja mu muco. Yabasavye kandi kurangwa n’ukuri, kugira akanyamuneza, amahoro, urukundo n’ubumwe, umwe wese akunde mugenziwe nkuko Imana nayo imukunda. Ati nta wuri mu bikorwa bibi yaronse amahoro. Yaciye asaba abakristu n’abarundi bose guhinduka muri kino gihe c’Ikarema, bakore ibikorwa vyiza, bitezimbere imitima yabo bigateza imbere n’igihugu.

Mw’ijambo yashikirije ryo kuramutsa abakristu b’i Munanira, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye kubona bamwakiranye igishika n’umutima w’urukundo.
Ati uno munsi duhuye mu bihe  vyiza vyo kwisuzuma no kwisubirako. Ati Imana izohezagira igihugu cacu mugihe tuzovavanura n’igicumuro icarico cose, tukarangwa n’urukundo. Yasavye rero abarundi kuvavanura n’ubwiyorobetsi, barangwe no gukeburana, vyo biranga urukundo, ngo gutyo Imana ntaco itazokorera igihugu cacu c’Uburundi. Sebarundi ati urukundo rurangwa no kubabarana muri vyose na hose. Ati Imana yaradukijije amakuba y’indyane z’urutavanako zari zarasinzikaje igihugu cacu, ari naco gituma dukwiye guhaguruka tukavavanura n’ico cose kiyishavuza, maze nayo ishishikare kuduhezagira.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye kandi Abarundi  mu bisata vyose kudasamara, bakagira umwete n’ubwira mu mirimo yabo ya misi yose, umwe wese muvyo ajejwe, bamenye ko Uburundi bwavuye kure, ari naco gituma babwirizwa gukora ijoro n’umurango kugirango babuteze imbere. Ntiyibagiye gusaba abavyeyi kugarukira indero y’abana nabo, bame babahanura ubudasiba, mbere bibaye ngombwa banabahane mu gihe binaniranye.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abakristu kwiyegereza cane Imana, na cane cane muri kino gihe c’Ikarema, kugirango umunsi mukuru wa Pasika uzoshike baravavanuye n’ikibi cose n’iyo gituruka hose. Yasavye abarundi bose, kuva mu rugo gushika ku nzego zo hejuru, kwisuzuma, bakaraba aho hose bitagenda neza, bagahagarara neza mu gutanga akarorero mu bikorwa, kurwanya ubunebwe, uwariwe wese ku bimwerekeye, kuko ngo ubunebwe ni igicumuro kibi cane kandi kibabaza Imana.

Yarangije yipfuriza abarundi guhinduka, kugororokera Imana no kuyiyegereza muri kino gihe c’Ikarema, kugirango umunsi mukuru wa Pasika uzoshike bose barangwa n’umuco, urukundo no gukunda ibikorwa, aca abasaba kwambaza Mutima Mweranda ngo abafashe gutsinda ikibi iyo gituruka hose.

shares
error: Content is protected !!