Kirundi || Français

Sebarundi asaba urwaruka gukoresha ubumenyi baronswa mu mashure mu kugira ubwenge bwo kwiteza imbere

Sebarundi asaba urwaruka gukoresha ubumenyi baronswa mu mashure mu kugira ubwenge bwo kwiteza imbere

Mu gihe kuri uyu wa gatandatu Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, arikumwe n’Umutambukanyi w’iwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yugurura icese ishure ryisumbuye ry’ubuhinga ryitiriwe Petero NKURUNZIZA ry’i Bugendana mu ntara ya Gitega, yasavye urwaruka rw’abanyeshure bagiye kuryigiramwo gukoresha ubumenyi bagiye kuharonkera mu kumenya ubwenge bwo kwiteza imbere, badahanze amaso Reta.

Ishure ryisumbuye ry’ubuhinga ryitiriwe Petero NKURUNZIZA ry’i Bugendana ryuguruwe  icese kuri uyu wa gatandatu na Sebarundi, ryatwaye imiriyaridi zirenga 2 z’amarundi. Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye akaba ashimira abenegihugu bakoreye mu runani kugirango ribe rigeze kuri iyi ntambwe, ngo narirya ubugirigiri bugira babiri. Yashimye abenegihugu bo muri iyo ntara ya Gitega kubona barahagurukiye icarimwe mu kwiyubakira inyubakwa zitandukanye z’iterambere, harimwo n’iryo shure ry’Ubuhinga ryitiriwe umuhisi Petero NKURUNZIZA.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye kandi ko uyu musi urwaruka rwamaze kujijuka, rukamenya inyifato rutegerezwa kugira, kubera ihinyanyurwa ry’inyigisho mu mashure, uwurangije ishure nshingiro, akaba asigaye asohoka umwaka w’icenda afise ubumenyi bwo kwibeshaho mu buzima. Yarangije akebura incabwenge kugirango bakoreshe ubumenyi baronse mu kwitezimbere, babe intwazangabo mu rugamba rw’iterambere, abasaba gushira mu bwenge ubumenyi baronse.

Sebarundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ntiyibagiye gusaba abenegihugu bo mu ntara ya Gitega gushimira Umuhisi Sogokuru, Nyenicubahiro Petero NKURUNZIZA yahoze arongoye uburundi, akaba ari nawe iryo shure risanzwe ryitirirwa, kubona yaritanze atiziganya kugirango ribe rigeze kuri iyo ntambwe uyu musi.

Imbere y’aho, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yari yabanje kwugurura icese inyubakwa yo kwakira ingenzi ku musozi wa Kibimba yitwa Mwibanga Hotel, yegukira imvukira yo ngaho nyene izwi kw’izina rya Fiacre Ntakarutimana. Yuguruye kandi n’ishure nshingiro rya Busangana muri komine Bugendana ryubatswe na UNICEF, rigizwe n’ibirasi 6, ibiro vy’ubuyobozi n’inyubakwa yo gufunguriramwo abanyeshure.
Yuguruye kandi n’ivuriro rito ku musozi Nyakeru, muri iyo komine nyene ya Bugendana, ryubatswe na Reta y’Uburundi muri ya mafaranga iha ama komine ngo yitezimbere, iyacishije mu kigega FONIC.

shares
error: Content is protected !!