Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu aragabisha abajejwe gukurikirana imigambi batubahiriza ibiringo

Umukuru w’Igihugu aragabisha abajejwe gukurikirana imigambi batubahiriza ibiringo

 

Mu rugendo yagize kuri uyu wa 11 ntwarante mu ntara ya Kirundo, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakebuye abajejwe gushira mu ngiro imigambi itandukanye y’iterambere badakora bisunga ineza y’abenegihugu kwikebuka. Yabivuze mu gihe yagendera umwonga wa Kabuyenge, uri muri komine Bwambarangwe, ikiyaya kirimirwa mwo igiterwa c’umuceri, kiri hagati y’ama komine ya Gitobe na Bwambarangwe, ku mahegitari 320, ibikorwa vyo gutunganya uwo mwonga wozanira akarusho kanini abenegihugu bo muri ako karere, akaba yasanze bicumbagira. Mu gihe ivyo bikorwa vyatangujwe kuva mu mwaka w’2018, eka mbere n’ibanki BAD ikaba yaratanse n’uburyo, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye uwuserukira umugambi PATAREB ujejwe ivyo bikorwa kubitangira insiguro, aca abaha ikiringo c’indwi zibiri kugirango inzitizi zose zizingamitse uyo mugambi zizobe zatorewe umuti.

Muri komine nyene ya Bwambarangwe, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagendeye umurimyi mworozi, akaba n’umugwizambuto zirobanuye, arima kijambere ibiterwa vy’ibigori, amateke, ibiharage, imyumbati, ibisunzu n’ibindi. Uyo mugwizambuto azwi kw’izina rya Gatabazi Jean yagabiye Sebari ishashi y’inka. Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yamuteye intege, aca amusaba kwigisya n’abandi benegihugu ubuhinga bwo kurima kijambere.

I Nyarunazi muri komine ya Busoni, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagendeye umugambi wo gukwiza umuyagankuba mu benegihugu bo mu bigwati 34 vyo mu ma komine ya Busoni, Bwambarangwe na Gitobe, umugambi uhabwa uburyo n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD. Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yashimye uyo mugambi, aca abasaba ko bowurangiza ku gihe.

Umukuru w’igihugu yagendeye kandi umugambi ujejwe gukingira ikiyaga Cohoha, ku musozi Yaranda muri komine Kirundo, umugambi ufashwe mu mugongo na PNUD. Yabasavye no kwiga ingene boduza ayo mazi ku mitumba ikikuje ico kiyaga kugirango bavomere imirima, maze Kirundo usubire kwitwa ikigega c’igihugu.

Avuye ku kiyaga Cohoha, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye agendera imiryango y’abasangwabutaka, iba aho nyene ku mutumba wa Yaranda. Amaze kwibonera ukugene babayeho, na cane cane inzu babamwo, mbere akanaganira n’umwe muri bo yitwa Léonard Murindangabo, Sebarundi yaciye yemerera amabati imiryango 10, buri muryango ukazoronswa amabati 30. Yasozereye urugendo rwiwe mu ntara ya Kirundo mu gutanguza icese ibikorwa vyo kwubaka itangi ry’amazi meza aja muri komine Bugabira, iryo tangi rikaba ririko rirubakwa kuri uwo musozi nyene wa Yaranda.

shares
error: Content is protected !!