Kirundi || Français

Uburundi burashigikiye ishingwa ry’ikigega kidasanzwe kigenewe ihindagurika ry’ibihe muri Afrika

Uburundi burashigikiye ishingwa ry’ikigega kidasanzwe kigenewe ihindagurika ry’ibihe muri Afrika

 

Mu nama igira 984 y’Umurwi  w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Ujejwe Amahoro n’Umutekano yabaye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 09 Ntwarante kuri bwa buhinga ngurukanabumenyi, ishingiye ku nkurikizi z’ihindagurika ry’ibihe ku mahoro n’umutekano, igihugu c’Uburundi caserukiwe n’icegera c’Umukuru w’igihugu Nyakwubahwa Prosper Bazombanza, aho Uburundi bwashigikiye ishingwa ry’ikigega kidasanzwe kigenewe ihindagurika ry’ibihe muri Afrika.

Mw’ijambo ry’ikaze, Umukuru w’umurwi ujejwe amahoro n’umutekano mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika Nyenicubahiro Uhuru Kenyatta yerekanye neza ko ihindagurika ry’ibihe nk’uruzuba, ubugaragwa, ikigoyi, umwuzure, n’ibindi umuntu atarinze kuvuga, ko bituma imitwe y’abantu ishuha, bikanatuma havuka n’intambara zikomeye ku mugabane wa Afrika.

Yaciye asaba amareta agize Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika kwiga uburyo bubereye bwo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, bakanashira mu ngiro ingingo yafashwe mu nama igira 14 y’abakuru b’ivyo bihugu n’ayo mareta yo kurwanya abitwaje ibirwanisho muri Afrika, na cane cane bakarangiza ikibazo c’umutekano muke urangwa muri Sahara y’Uburengero kibangamiye ibikorwa vyose vyo guharanira amahoro muri ako karere.

Abakuru b’ibihugu n’amareta bashikirije amajambo, bagiye baratanga ico ciyumviro co gushinga ikigega kidasanzwe kigenewe ihindagurika ry’ibihe, hamwe rero no gushiraho, ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, intumwa idasanzwe ijejwe ibibazo vy’ihindagurika ry’ibihe.

Ashikirije ijambo mw’izina ry’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyakwubahwa Prosper Bazombanza yamenyesheje uko Uburundi bwifashe mu kurwanya ihindagurika ry’ibihe. Mu vyo yashikirije kandi, yashimangiye ko hakenewe kwegeranya ibikenewe vyose kugira ngo habe ugukinga, mu gushigikirana hagati y’Umurwi w’Ubumwe bwa Afrika, amareta abugize, imiryango n’amashirahamwe y’uburere, Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’isi yose kugira ngo vyorohe mu gukinga, mw’itunganywa, no mu gutora umuti mu gihe c’ibibazo vy’ihindagurika ry’ibihe. Yongeye arasaba ayo mareta kugira yongereze inguvu mu gufasha mu bihe bigoye canke vy’isibe mu ntumbero yo gushobora gutabara abatewe n’amakuba afatiye kw’ihindagurika ry’ibihe.

Icegera c’Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasozereye iryo jambo atangaza icese ko Uburundi bushigikiye ico ciyumviro ciza co gushinga ikigega kidasanzwe kigenewe guhangana n’ihindagurika ry’ibihe, nk’uko vyashikirijwe n’abandi bakuru b’ibihugu.

Muri iyo nama igira 984 y’Abakuru b’ibihugu n’amareta barabiye hamwe kandi ingingo yafashwe mu nama igira 14 yabaye kw’igenekerezo rya 06 Kigarama 2020, yo guhagarika intambara muri Afrika na cane cane mu gushira kw’iherezo ibibera muri Sahara y’Uburengero. Vyagaragaye ko ibintu vyayangaye kubera igihugu ca Maroc carenze amategeko yo guhagarika intambara, bikaba vyatumye ingwano ziyongera muri ico gihugu c’Uburaruko bushira Uburengero bwa Afrika.

Icegera c’Umukuru w’igihugu Nyakwubahwa Prosper Bazombanza yongeye kwemeza ko Uburundi bushigikiye inguvu zose z’Umunyamabanga Mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU n’Ubumwe bwa Afrika mu gutora umuti urama w’ico kibazo ca Sahara biciye muri poritike n’umwumvikano. Ku Burundi, umugambi ufatiye ku bwigenge wofasha nk’intango y’ibiganiro.

shares
error: Content is protected !!