Kirundi || Français

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu asaba urwaruka kugira amerekero meza

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu asaba urwaruka kugira amerekero meza

Ku munsi ugira kabiri w’igisabisho catunganijwe n’Umukuru w’igihugu c’Ubuundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, kw’izina ry’abarundi bose, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu , Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, yaremesheje inyigisho ku rwaruka aho yabasavye kugira amerekero meza.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yabwiye urwaruka rwari rwitavye izo nyigisho ko kubaho kwabo ari ku bw’umugambi w’Imana, n’igihugu ko kiriho kubw’umugambi w’Imana. Ati: “Nimwe kazoza k’ejo, ni mwebwe igihugu kizeyeko kazoza”.

Yaciye abamenysha kugira bashikire iryo hangiro ry’amerekero meza ko ari gukunda Imana, kugendera mu Mana no gutangura gukorera Imana bakiri bato”. Yaciye abasaba guhuza amerekero yabo n’amerekero y’Imana.

Yishimikije ijambo ry’Imana riri muri Zaburi 139: 16, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yasavye urarwuka kurangura imigambi Imana yabaremeye, kubera ko yaremeye umuntu kugira arangure igikorwa c’Imana, igikorwa Imana imwitezeko.

Nk’abana batoya, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yabasavye gukura bakunda bongera bubaha Imana no kugamburukira abavyeyi. Yabasavye kandi gukura berekana umutima w’urukundo mu gufasha abafise amikoro make no gukora ibindi bikorwa bigaragaza urukundo.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu  yasavye kandi urwaruka kwitandukanya n’icaha no gukorera mu muco, kuko ngo ivyaha bakora binyegeje Imana izobishira ahagaragara bacike ibimaramare. Ati: “Ivyo dukora vyose Imana irabibona”, abamenyesha kandi ko ingero y’icaha ari urupfu.

Umutambukanyi wa Sebarundi, yasavye kandi urwaruka kutishira hejuru, mugabo bashirwe hejuru n’abantu bashima ibikorwa bakora, bashirwe hejuru n’Imana yo itanga amanota adahera.

Imbere yo gusozera impanuro ziwe, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yagarutse ku vyo abana basabwa gukora, ivyo navyo ni nko kutishira hejuru, kuba abana bitonda, kwubaha Imana yabaremeye abavyeyi n’igihugu c’Uburundi, bakaba urwaruka ruvuga Imana, rurangwa n’ibikorwa bishimisha Imana, urwaruka rufise ingeso nziza.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yasozereye impanuro ziwe asaba urwaruka kugira isuku ku mubiri no ku mutima.

shares
error: Content is protected !!