Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba indongozi gukunda abo barongoye no kubabera abavyeyi babushitse

Umukuru w’Igihugu asaba indongozi gukunda abo barongoye no kubabera abavyeyi babushitse

 

Kuri uyu musi ugira kabiri w’amasengesho y’igihugu yatunganijwe na Sebarundi kw’izina ry’abarundi bose, mu ntumbero yo gushimira Imana ku vyiza yakoreye Uburundi, amasengesho ariko arabera i Mutaho mu ntara ya Gitega, umwanya wa mbere w’inyigisho ku ndongozi, waremeshejwe na Musenyeri Deogratias Nshimiyimana. Yisunze ijambo ry’urufatiro ry’ayo masengesho, riri muri Zaburi 33:9-12, yigishije ku bijanye n’amamuko y’amahanga.

Yasavye abarundi gukomeza urukundo no kugendera amabwirizwa y’Imana, gutyo Imana izoshishikara kubagira ihanga ryayo. Ati abarundi nibashira Imana hejuru ya vyose, bakagendera ivyagezwe vyayo, bakongera bagakomeza urukundo, umwumwe wese akitwararika mugenziwe, Imana nayo ngo izoshira hejuru y’ayandi mahanga yose igihugu cacu c’Uburundi.

Umwanya ugira kabiri w’inyigisho ku ndongozi waremeshejwe n’Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye. Yisunze ivyanditswe vyeranda, Sebarundi yasavye indongozi kwicisha bugufi no kubera abavyeyi abo barongoye, kwirinda uburyarya no kurangwa n’urukundo.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye kandi abahamagariwe kurongora abandi, kwama bagendera amabwirizwa y’Imana, bakazirikana ico bari n’ico bahamagariwe n’Imana.

Yisunze ivyanditswe mu gitabu ca Samuel I 8:1-7, hamwe no Gusubira mu vyagezwe 17,14-17, yabwiye izo ndongozi ibijanye n’ivyiza bishikira abubashe ishaka ry’Imana, n’ivyo zitegerezwa gukora kugirango zigumane n’Imana. Ati indongozi nyayo ntiyigungireko, ntiharanira amaronko, ariko ngo irangwa n’urukundo, igasabikanya n’abandi ivyiza yahawe. Ati indongozi nyayo ntirya igiturire, yirinda gusesagura itunga ry’igihugu.

Sebarundi yarangije yibutsa abarundi ko biyemeje kwama imbere y’Imana, aca abasaba rero kuguma mu mabwirizwa yayo, kugirango nayo izobagumizeko inyonga zayo, maze ntihagire icago nakimwe cokwigera kibashikira.

shares
error: Content is protected !!