Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu asaba amashengero kuba umushinge w’iterambere

Umukuru w’igihugu asaba amashengero kuba umushinge w’iterambere

Umukuru w’igihugu Nyenicubariro Varisito Ndayishimiye n’Umutambukanyi wewe, bifadikanije n’abakristu ba paruwasi Mutoyi, muri diyoseze nkuru ya Gitega, mu gisabisho co kuri uwu wa 13 Kigarama, uwa Mungu ugira gatatu w’Ubushikiro.

Mw’ijambo ryo kuramutsa abakristu yashikirije, Umukuru w’Igihugu yashimiye aba misiyonari n’abarongoye Paruwasi Mutoyi, ku kuntu bateje imbere ako karere. Yaciye asaba ama paruwasi yose, co kimwe n’ayandi mashengero yose, gufatira kuri ako karorero keza, mu kuba vy’ukuri isoko ry’iterambere nka paruwasi Mutoyi.

Umukuru w’Igihugu yarakeje bimwe vy’umwihariko Padiri Père Roberto Monti, ajejwe ikigo ca Mutoyi, ku kuntu yitanga ku neza y’abanyamutoyi. Ikigo catumye paruwasi Mutoyi iba iya mbere mw’iterambere ry’igihugu, kubw’ivyakorewe mu Mutoyi. Yabasavye kubandanya uwo murindi mu gutanguza n’iyindi migambi mishasha iteza imbere Uburundi n’abarundi.

Sebarundi yasavye abakristu ba paruwasi Mutoyi kubandanya basaba Imana kugirango ikingire Uburundi. Yabasavye kandi kumusengera kugira azoshitse neza ihanganiro Imana yamutoreye ryo gutunganiriza abarundi bose.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu akaba yasozeye indamutso yiwe yemera ko azobandanya ashigikira ivyo bikorwa bihesha icubahiro iyo paruwasi, aca yongera yemera ko agiye gukora ibishoboka kugira ikiraro gihuza Gihogazi na Mutoyi cubakwe.

shares
error: Content is protected !!