Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi gukora bakagera kurugero rumwe n’ibindi bihugu bihurikiye mumuryango wa Afrika y’ubuseruko Uburundi buhurikiyemwo

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi gukora bakagera kurugero rumwe n’ibindi bihugu bihurikiye mumuryango wa Afrika  y’ubuseruko Uburundi buhurikiyemwo

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE , kuri uyu wa 10 Kigarama 2020, yatanguje ibikorwa vy’ihuriro ku rwego rwo hejuru, ryo kurabira hamwe intambwe igezweko mu bijanye n’iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Iryo huriro rizomara imisi  ibiri ryatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe ibijanye n’iyinjira ry’Uburundi  mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko,ririko rirabera i Mutumba muri komine ya Kabezi intara yaBujumbura, ku civugo kivuga kiti « Twese hamwe dukingire inyungu z’Uburundi mu muryango w’ibihugu vya Afrika yubuseruko ».

Iruhande ya Sebarundi, ibikorwa vyo kwugurura icese iryo huriro  vyitabwe kandi n’Icegera c’Umukuru w’Igihugu, Umushikiranganji wa mbere wa Reta y’Uburundi, abayobozi bishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu, abashikiranganji, abashingamateka n’abakenguzamateka, abarongoye ibisata bitandukanye vya Reta, n’abandi.

Mw’ijambo ryo kwakira abashitsi , Buramatari w’intara ya Bujumbura yamenyeshejeko amahoro n’umutekano bisasagaye mu turere twose tugize iyo  ntara, ko abenegihugu bari ku kivi mu bikorwa vyo kwiteza  imbere. Umushikiranganji ajejwe imigabo n’imigambi y’ umuryango wa Afrika y’Ubuseruko nawe mw’ijambo ryiwe, yavuze ko iyo nama itunganijwe haheruka kujaho inzegonshasha, ati rero zirakeneye kumenyeshwa ibijanye n’imigabo n’imigambi ya EAC, na cane cane intambwe Uburundi bumaze gutera mw’iyimjira muri uyo muryango.

Mw’ijambo nyamukuru ryo kuri uyo musi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yagarutse  ku ruhara ntangere umuryango wa Afrika y’Ubuseruko wagize mw’iterambere ry’Uburundi, kuva Bucumi it’s muri uyo muryango. Yashimishijwe n’uko hariho uguhanahana amakuru hagati y’ibihugu bigize uyo muryango, n’uko kandi hasiganye hariho n’amabarabara ahuza ibihuguvya EAC n’ibindi bihugu bitari muri uyo muryango aha tukavuga nk’ibihugu vya Zambiya na Repuburika iharanira demokarasi ya Congo.    

Sebarundi, yasavye kandi ko hotezwa imbere igisata c’ubudandaji biciye mu kiyaga ca Tanganyika, ivyo bikaba vyose a uburyo buke, bikaba na ngirakamaro mu bijanye no gukingira ibidukikije.

Yavuniye akagohe abarundi kwijukira ibikorwa  bagakora ijoro n’umurango, bakamenya ko muri uyu muryango w’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko Uburundi buhurikiyemwo tubwirizwa kwitanga kugira dushobore kugera ku rugero rumwe n’ibindi bihugu. Yamenyesheje kandiko uyu muryango duhirikiyemwo ari akaryo keza ku barundi ko kugwiza amasoko y’ibidandazwa vyabo. Ati kahise karatwibutsa ko kera ba Sokuru bamye bajabuka imbibe berekeza mu buseruko bashoye ivyimburwa vyabo, bagaheza bakagaruka i Burundi bazanye ivya nkenerwa nk’umunyu n’ibindi. Ati rero uyo mugenzo wo kuva kubatwitangiye imbere urakwiye gukomezwa.  

Inyuma y’ivyo bikorwa vyo kwugurura icese iryo huriro, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro VarisitoNDAYISHIMIYE yagendeye umurima w’ibigori wegukira koperative VASO, uri muri zone ya Kanyosha muri komine ya Muha, mu ntumbero yo kwirabira intambwe ibiterwa bigezeko inyuma y’aho aherukiyeyo mu gikorwa coguteragira, igihe yari aherekejwe n’umuganwakazi Zaad Al Hussein wo mu gihugu ca Yorodaniya.

shares
error: Content is protected !!