Kirundi || Français

Umushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yakiriwe na Nyenicubahiro Ndayishimiye, aho yari amuzaniye ubutumwa bwa Mugenziwe Joào Lourenço, no kumwereka Umunyamabanga Nshingwabikorwa mushasha wa CIRGL

Umushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yakiriwe na Nyenicubahiro Ndayishimiye, aho yari amuzaniye ubutumwa bwa Mugenziwe Joào Lourenço, no kumwereka Umunyamabanga Nshingwabikorwa mushasha wa CIRGL

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yarakiriye, ku wa kabiri mu biro Kwa Ntare Rushatsi, Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Angola. Nyakwubahwa Têtè ANTONIO yari yaje arongoye umurwi munini urimwo Umunyamabanga Nshingwabikorwa w’Inama Mpuzamakungu y’ibihugu bigize akarere k’ibiyaga binini( CIRGL), na bamwe bamwe mu bategetsi bakuru bo mu bushikiranganji bwa Angola bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Inyuma y’umubonano, uwo mushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yamenyesheje ko yari yazanye ubutumwa bw’Umukuru w’igihugu ca Angola kuri Mugenziwe w’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste amwipfuriza, mbere yipfuriza n’abarundi bose, amahoro n’iterambere.

Muri uwo mubonano, abo bategetsi baganiriye ku cokorwa kugirango imigenderanire, isanzwe ari myiza hagati ya Angola n’Uburundi, itere imbere gusumba. Uwo mushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu ntiyirengagije gushima ikiyago Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi yagiranye na Mugenziwe Nyenicubahiro Joào Lourenço, inyuma y’Inama y’Abakuru b’ibihugu n’amareta vya Afrika yo hagati iherutse kubera i Libreville mu gihugu ca Gabon.
Uwo Mushikiranganji yamushikirije icipfuzo c’uko bobandanya babiganirako mu gihe bishobotse.

Nyakwubahwa Têtè ANTONIO yarakeje Uburundi ku kuntu bwifashe mu kurwanya ca kiza Covid-19. Yaciye amenyesha ko, ari Kumwe n’Umunyamabanga wa Leta ya Angola mu vy’amagara y’abantu, bazoronka akanya ko kubonana n’indongozi z’Uburundi ziri mu gisata c’amagara y’abantu kugira ngo Angola na yo ihakure icigwa mu bijanye no kurwanya ikiza Covid-19.

Bivanye n’uko Angola ari co gihugu kirongoye Inama y’Abakuru b’ibihugu n’amareta vya CIRGL n’Ibiro vyayo vy’umunyamabanga Nshingwabikorwa, Umushikiranganji wa Angola ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu yaciye afata akanya ko kwereka Umukuru w’igihugu c’Uburundi Umunyamabanga Nshingwabikorwa mushasha azwi kw’izina rya Ambassadeur João Samuel Caholo, akaba yatorewe imyaka ibiri. Yaciye amusaba ko Uburundi bwomushigikira.

Afashe ijambo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi arashima uruhara igihugu ca Angola cagize mu rugamba rukomeye rwashikanye Uburundi ku gukurwa ku rutonde rw’ivyigwa agasakisaki n’Inama ya ONU ijejwe umutekano. Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yarashikirije icipfuzo cuko hobaho  imigenderanire mu gisata c’ubudandaji. Yamwemereye kandi kuzoshigikira Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa CIRGL mushasha na cane cane ko Uburundi ari co cicaro c’iryo Shirahamwe.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasozereye yemerera uwo mushitsi ko Uburundi butazotangwa no guhanahana na Afrika, mbere n’isi yose ico buzi mu kurwanya ikiza Covid-19.

shares
error: Content is protected !!