Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Varisito NDAYISHIMIYE yatanguje inagurwa ry’ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru, hagati y’Uburundi n’ishirahamwe rya Buraya.

Umukuru w’Igihugu Varisito NDAYISHIMIYE yatanguje inagurwa ry’ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru, hagati y’Uburundi n’ishirahamwe rya Buraya.

Kuva kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 7 Kigarama, Uburundi n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya vyasubiye kunagura ku rwego rwo hejuru, ibiganiro, biciye mu mubonano Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yahaye uwuserukira iryo shirahamwe ngaha mu Burundi, akaba yari aherekejwe n’abaserukira mu Burundi ibihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe, basanzwe baba ngaha i Bujumbura. Ni umubonano wavyuye umwizero ku bijanye n’inagurwa ry’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ishirahamwe rya Buraya, mu gihe hari haheze imyaka itanu hari ukutumvikana kuri ibi na biriya.

Ibiganiro vyatunganijwe hagati y’Uburundi n’ishirahamwe rya Buraya bikaba vyaheruka kuvugwa muri Ntwarante 2016, igihe hafatwa ingingo yo kwama bagiriranira ibiyago n’Uburundi, hisunzwe ingingo ya 96 y’amasezerano yo gufashanya hagati y’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya n’ibihugu vyo muri Afrika, hamwe n’amazinga ya Caraïbes na Pacifique, amasezerano yatereweko umukono i Cotonou mu gihugu ca Bénin. Uburundi ntibwigeze buhengeshanya kwibutsa iryo shirahamwe rya Buraya ko kwisunga iyo ngingo ya 96 y’amasezerano y’i Cotonou ku kibazo c’Uburundi vyaje gihutihuti muri Rusama 2015, igihe hari imigumuko yari igamije itembagazwa ry’ubutegetsi bwitorewe n’abenegihugu, kuwa 13 Rusama muri uyo mwaka wa 2015.

Reta y’Uburundi ntiyigeze ihengeshanya kudomako urutoke itadya umunwa ivyo bihugu vya Buraya, kuba arivyo bifise uruhara mu guhungabanya umutekano n’ubwigenge bw’Uburundi, mugihe iryo shirahamwe ryaciye rihagarika imfashanyo, harimwo n’imfashanyo zijanye n’uburyo zahora zihabwa Uburundi, rivuga ko ngo Uburundi butoba bwubahiriza amasezerano y’i Cotonou, ku ngingo zivuga ku bijanye na demokarasi, agateka ka zina muntu n’intwaro ishingiye ku mategeko.

Nkuko vyemezwa n’abo bashitsi bakiriwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, ngo ni akaryo keza ko gusubira kunagura imigenderanire mu gihe Uburundi bwateye intambwe ikomeye cane, mu gihe amahoro n’umutekano bisasagaye mu gihugu cose, mu gihe abari barahunze igihugu babandanya gutahuka ku bwinshi, mu gihe kandi imigenderanire hagati y’Uburundi n’Urwanda bitanguye gusubira kunagurwa, batibagiye n’uruhara Uburundi buriko buragira mu bijanye na politike n’imigenderanire mu karere no mu makungu, ivyatumye mbere bwaraye bunakuwe ku rutonde rw’ivyigwa mu nama nkuru ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi.

Abaserukira ibihugu vya Buraya mu Burundi bamenyesheje kandi ko hagezeko izo mpande uko ari zibiri zumva kumwe ivyahora bitumvikanwako, hisunzwe ukwubahana. Bashimishijwe n’ijambo ritanga ituze rya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye n’inyifato yiwe yo kwugurukira abantu, ibitanga icizere gikomeye mu bijanye no gusubira kunagura imigenderanire myiza hagati y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya, mu ntumbero yo gufashanya ku nyungu z’impande zose uko ari zibiri, bati nta mvo n’imwe yotuma habaho gucererwa.

Kuri izo mpande zibiri zompi, bemeranije ko kahise kabi kokwibagirwa, bakisunga kazoza keza mu gusubira kunagura imigenderanire. Bisunze imigambi nyamukuru Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito NDAYISHIMIYE yiyemeje gushira imbere, iyo nayo ikaba ari intwaro ibereye, amagara y’abantu, indero, uburimyi n’ubworozi, kuvuza ku buntu abakukuruke n’iterambere ry’urwaruka, abaserukira ibihugu bihurikiye mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya biyemeje gukora ibishoboka vyose kugirango iryo shirahamwe rishigikire biboneka inzego za Reta-Mvyeyi ikaba na Reta-Nkozi y’igihugu c’Uburundi, muri uru rugamba rw’iterambere, bisunze ibisata nyamukuru vyashizwe imbere biri muri wa mugambi w’igihugu w’iterambere wo kuva mu mwaka wa 2018, gushika mu mwaka wa 2027.

Umukuru w’Igihugu yasavye ko ivyo biyago vyobandaniriza ku rugero rw’ubuhinga mu bushikiranganji bujejwe ivy’imigenderanire, akizera ko bizoshika ku ntumbero irashe, mu gihe inagurwa ry’imigenderanire myiza hagati y’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya n’Uburundi bija biri ku nzira nziza.

Inyuma y’uwo mubonano, Uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi Claude BOCHU yamenyesheje ari bo basavye umubonano na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, bagashima cane n’ukugene bakiriwe. Ati ni umubonano wa mbere turonkejwe, inyuma y’imyaka 5 yari irumanye. Kubwiwe, ivyo ngo vyerekana neza ko imbere ari heza cane mu bijanye n’imigenderanire hagati y’Uburundi n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya.

shares
error: Content is protected !!