Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye asaba abanyafrika kunezerezwa no kwimbura bagafungura ivyabo

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye asaba abanyafrika kunezerezwa no kwimbura bagafungura ivyabo

 

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 05 Kigarama, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yitavye imam idasanzwe igira 13 y’ibihugu bigize Ubumwe bwa Afrika yabereye Kuri bwa buhinga ngurukanabumenyi, ikaba yari ishingiye ku guhanahana ibidandazwa hagati y’ivyo bihugu ku mugabane wa Afrika (zone de libre échange- ZLECAf)

Iyo nama idasanzwe izomara imisi ibiri yitabwe n’abakuru b’ibihugu n’amareta ya Afrika, ikaba yari irongowe mu gisagara ca Johannesburg, na Nyenicubahiro Cyril Ramaphosa Umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo akaba n’Umukuru w’Ubumwe bwa Afrika.

Mw’ijambo ryuguruye iyo nama, Nyenicubahiro Cyril Ramaphosa yabanje gushima ko iyo nama ishobotse naho hari ingorane nyinshi zifatiye kuri ca kiza Covid-19. Yanezerejwe n’ukwitanga kw’ibihugu vya Afrika mu kwitunganiriza ubutunzi bwavyo mu ntumbero yo guteza imbere ubuzima bw’abenegihugu ba Afrika.

Yagize ati twatoranye ugutunganya ubutunzi bwacu dufatiye ku bakoloni, ivyo na vyo bikaba bitorohereza ivy’ugutunganya ubutunzi bw’amareta yacu. Ati rero muri uyu mugambi wa ZLECAf, tugiye gukomeza uguhanahana ibidandazwa n’amategeko agenga imbibe zacu.

Afashe ijambo, Umukuru w’umurwi w’Ubumwe bwa Afrika Moussa Faki Muhammad n’umunyamabanga mukuru wa ZLECAf bagaragaje umunezero kubona ibihugu vy’Ubumwe bwa Afrika vyaremeye kuba muri uwo mugambi no gukurikirana inyungu ziri muri ZLECAf. Ibihugu 44 vya Afrika vyaramaze kwemeza uwo mugambi kandi 34 vyaramaze gusinya amategeko ajanye n’ishingwa ry’uwo mugambi.

Ku bikorwa vyabereye mu mwiherero Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yakeje bagenziwe biyumviriye uwo mugambi wa ZLECAf, uzosuguma cane iterambere ry’amahinguriro rizoshira Afrika mu mwanya mwiza wo gushora hanze ivyo yimbuye, hakaba uguhiganwa ku masoko ya Afrika ndetse no ku masoko mpuzamakungu.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yibukije ko Afrika igize isoko nini cane kw’isi kuko ifise abantu barenga umuliyaridi n’imiliyoni 300. Ati ZLECAf izoba akaryo keza ko guhagurutsa bikomeye ubutunzi bw’umugabane wose wa Afrika n’akaryo ko kurwanya ubukene muri Afrika.

Kugira ngo habe gutorera umuti ikibazo kiri mu masoko mpuzamakungu amwe amwe yegeza kure amasoko ya Afrika, Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste ahimiriza kunezerererwa ivyo Afrika yimbura no kubikoresha, hamwe rero no kumenya Ko Afrika ari soko y’abanyafrika.

Ati : kugira tubishikeko, hari icokorwa. kutanezerererwa ivyo Abanyafrika twiyimburiye birasobanura neza igituma Afrika iguma ikenera cane ubutunzi bw’ibindi bihugu vyo hanze. Ati mu kuja hamwe kwacu kuzotuma ibintu bihinduka”.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yasozereye iryo jambo abemerera ko Uburundi ata co butazokora kugira ngo burangize vuba ibikenewe kugira ngo hasinywe amasezerano yo gushiraho ZLECAf, no kwifatanya n’ibindi bihugu mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi ku neza y’abenebihugu ba Afrika.

Mu gihe ugutangura guhanahana ibidandazwa muri uwo mugambi wa ZLECAf bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 01 Nzero 2021, abari bitavye iyo nama idasanzwe berekanye ko ari ngombwa gukura ibirwanisho mu batabifitiye uburenganzira mu ntumbero yuko ZLECAF ishika ku mahangiro yayo. Ni no kuri ico kintu gihambaye Abakuru b’ibihugu n’amareta y’Ubumwe bwa Afrika bumvikanye ko bazongera guhura bayaga kw’igenekerezo rya 06 Kigarama 2020.

shares
error: Content is protected !!