Kirundi || Français

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yateye iteka ibirori vyo gutanga imenyekanishabumenyi kuri Lycée du Lac Tanganyika

Umutambukanyi  w’Umukuru w’Igihugu yateye iteka ibirori vyo gutanga imenyekanishabumenyi kuri Lycée du Lac Tanganyika

Kuri uno wa gatandatu, igenekerezo rya 5 Kigarama, Nyenicubahiro Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu,Angeline Ndayishimiye yateye iteka ibirori vyo gutanga imenyekanishabumenyi kubanyeshure barangije amashure yisumbuye kw’ishure Lycée du Lac Tanganyika riri muri Komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’ijambo yashikirije Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yakeje abaronkejwe izo menyekanishabumenyi hamwe n’abavyeyi babo kuriyo ntambwe bagezeko mu buzima bwabo.

Yakeje kandi urwo rwaruka kukungene rwigenjeje neza rukiga amashure mato mato hamwe nayo rero yisumbuye rurangije, kuriwe ngo iyo batagira indero nziza ntibari kugera ku ntambwe bagezeko.

Yabakeje rero ko bashoboye kugumya akaranga n’imico myiza y’Abarundi.

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yavuniye akagohe abavyeyi babo banyeshure ko bakwiye kuba maso kubw’indero yabo bana babo na cane cane muri kino gihe bagiye kumara umwanya batiga mukurindirako batangura kaminuza. Yabasavye kuzobafasha mukubaronsa ivyo boba barakora kugira ngo bizobafashe gutegura kazoza kabo.

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yibukije urwo rwaruka kwama rusaba impanuro ku bavyeyi no ku babakurira mu gihe bazoba bipfuza gufata ingingo canke gukora ikintu icarico cose. Ngo nibakurikiza izo mpanuro ngo bizotuma bagira kazoza keza.

Iyindi mpanuro yahaye abo banyeshure bahawe imenyekanishabumenyi kuri iryo shure rya Lycée du Lac Tanganyika ngo nugukoresha umwanya wabo mu bikorwa vy’Imana aho basanzwe basengera.

Yarangije yibutsa kandi urwo rwaruka ko izo mpapuro z’umutsindo baronse ko ari nkurufatiro ruzobafasha kugira ngo bashobore kwiga kaminuza. Yaciye abahamagarira kubandanya basubiramwo ivyigwa bize mu mashure yisumbuye ngo kuko arivyo bifatirwako mu gutunganya inyigisho za kaminuza.

 

shares
error: Content is protected !!