Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yabonanye n’abakinyi b’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba

Umukuru w’Igihugu yabonanye n’abakinyi b’umurwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba

 

Inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa gatandatu igenekerezi rya 14 Munyonyo, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito, mu nyubakwa z’ihoteli Nonara Beach, yabonanye n’abakinyi b’umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu rugamba.

Umukuru w’igihugu ati: ” Naje kubatera intege mu gihe buca mukina urukino ruzobahuza n’igihugu ca Mauritanie, kandi aburundi babitezeko intsinzi, kuko mwarerekanye ko mushoboye, mu kunganya mu rukino rwa mbere rwabahuje mubasanze iwabo”.

Ari imbere y’uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Umukenguzamateka Ndikuriyo Reveriyano, Umukuru w’Igihugu yongeye ati: ” Turanezerwa kandi turahimbarwa cane iyo mugiye gukinira hanze y’igihugu, kuko muba muserukiye Uburundi bwose.

Sebarundi NDAYISHIMIYE Varisito, yigeze no kuba arongoye umurwi w’igihugu ujejwe ivyo kwinonora imitsi, yabemereye ko ataco atazokora kugirango ashigikire inkino. Ati : “Turi inyuma yanyu, kandi tuzokora ibishoboka vyose kugirango tubashigikire”. Yaciye abashikiriza akabahasha ko kubatera intege.

Mwomenya ko urukino rwo gusubizanya hagati y’Uburundi na Mauritanie rutegekanijwe kuri uyu w’imana hano i Bujumbura, ruri mu rukurikirane rw’inkino zo kwitegurira igikombe ca Afrika,CAN, co mu mwaka wi 2021.

shares
error: Content is protected !!