Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yakiriye intumwa ya mugenziwe w’Igihugu ca Gabon

Umukuru w’Igihugu yakiriye intumwa ya mugenziwe w’Igihugu ca Gabon

 

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 12 Munyonyo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yakiriye, ku Kirimba c’i Gitega umurwa mukuru wa politike umushikiranganji w’igihugu ca Gabon ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu Pacôme Moubelet-Boubeya.

Uwo mushikiranganji wa Gabon yari azanye ubutumire bwa Nyenicubahiro Ali Bongo Odimba, Umukuru w’igihugu ca Gabon, aho amusaba kugendera ico gihugu akanitaba inama igira 18 y’ishirahamwe ry’ubutunzi rya Afrika yo hagati, CEEAC mu mpfunyapfunyo.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yashimiye uwo mushikiranganji wa Gabon ajejwe imigenderanire yafashe urugendo nk’urwo, akaba kandi yakiriye neza ubwo butumwa bwa Mugenziwe wa Gabon kandi akaba yemeye n’ubutumire. Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste ati birazwi neza yuko ukuboko kumwe kutiyaga;
ati: ” Ishirahamwe ni umuryango, kandi uko tuja hamwe ni ko tugira inguvu.”

Muri iyo nama igira 18 ya CEEAC izobera mu gisagara ca Libreville kw’igenekerezo rya 27 Munyonyo 2020, bazorabira hamwe ibibazo vy’amahoro n’umutekano mu bihugu cumi na kimwe bigize uwo muryango. Ukworosha uruja n’uruza rw’ abantu n’ibintu muri ivyo bihugu, ukurabira hamwe uko ca kiza Covid-19 corwanywa na vyo nyene bizovugwa.

Mu kiganiro yatanze avuye muri uwo mubonano, umushikiranganji wa Gabon ajejwe imigemderanire n’inondiez bihugu yashimye ukuntu Leta y’Uburundi yavyifashemwo mu kurwanya ikiza Covid-19. Yavuze ashimitse ko Uburundi ari akarorero gashimishije mu kurwanya ico kiza Covid-19, aca atumira abandi bakora muriryo shirahamwe rya CEEAC kuza mu Burundi kwiga ingene bariko bararwanya ico kiza.

shares
error: Content is protected !!