Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yatanguje icese irima ry’agatasi

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yatanguje icese irima ry’agatasi

 

Mu gihe Uburundi bwari bwifatanije n’isi yose mu guhimbaza umusi wahariwe ibifungurwa, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye atanguza icese irima ry’agatasi, abanje kwibutsa abarundi bose ko umunwa wose utegerezwa kuronka ico ufungura, umufuko na wo ukaronka amahera.

Mu gihe isi yose yawuhimbaje ku civugo ngo dukore ivya kazoza, mu kugwiza umwimbu, ugufungura neza, gukingira ibidukikije no guteza imbere uburyo tubayeho, Uburundi ntibwagiye kure kuko bwawuhimbaje ku civugo ngo “twese hamwe, dutunganye isi neza, tugwiza imfungurwa ngirakamaro, soko y’amagara meza”.

Umukuru w’igihugu yerekanye ko amatongo dufise, abakozi igihugu gifise hamwe rero n’ihinduka ry’inyifato, vyotuma neza igihugu gishika ku ntumbero y’iterambere ry’igihugu.

Abanje kwerekana ivyo abenegihugu bategerezwa guhangana nko gukingira ibidukikije, igwirirana ry’abantu, ugutituka kw’isi, n’imico imwe imwe,…. Nyenicubahiro Ndayishimiye yarateye intege abenegihugu, abahimiriza gukora cane kugira baronke imfungurwa zikwije ibikenewe, gurtyo bagire amagara meza.

” Nta co tutazokora kugira ngo dufashe ikigo kigwiza imbuto ISABU, kugira turonke imbuto nyinshi kandi zirobanuye”. Ni uko Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje yerekana ko intumbero ari uko hoba ibigo vyo kugwiza imbuto no mu ntara zitandukanye.

Mw’ijambo yashikirije, uwuserukira FAO mu Burundi, yamenyesheje ibikorwa iryo shirahamwe rimaze kurangura mu Burundi, aca agirako yemerera Umukuru w’igihugu ko bagiye gukora ibindi nko gukingira inzuzi ku birometero 300, gutanga imivyaro y’ibiti igera ku miliyoni cumi, kwigisha abafasha abarimyi- borozi, gufasha amashirahamwe, gucanca ibikoko, …n’ibindi.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye abasanzwe bashigikira Uburundi mu buryo butandukanye imbere y’uko aca atangaza icese irima ry’agatasi, irima rya mbere ry’uyu mwaka wa 2021-2022 witiriwe uburimyi mu ntumbero yo guha agaciro uburimyi n’umurimyi.

Twonamenyesha ko hampande y’abarimyi babiri bigenga, ababuramatari batatu n’ibiro vyegamiye intara zabo, ari zo Karusi, Kayanza na Gitega bahawe agashimwe n’impapuro z’iteka Ku bikorwa vyinshi bakoze mu gisata c’uburimyi.

shares
error: Content is protected !!