Kirundi || Français

Amashirahamwe CNME-CGC yahagaritswe mu mugambi wo kwubaka urugomero rwa Mpanda

Amashirahamwe CNME-CGC yahagaritswe mu mugambi wo kwubaka urugomero rwa Mpanda

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yishikiye ku rubibe intara za Muramvya, Kayanza na Bubanza zihwanirako, aho amashirahamwe CNME-CGC yariko arakorera umugambi wo kwubaka urugomero rwa Mpanda, umugambi aho kuzana akarusho wateye uruhombo rwababa imiliyaridi 54 z’amafaranga y’amarundi.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yababajwe n’inzu abakozi b’uwo mugambi bokoreyemwo ibikorwa bitandukanye, zikaba zarasataguritse kuko zubatswe ku musenyi kandi zaranarishwe kugera ku bice 60%.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye ati: ” umugambi ntiwakozwe mu kiringo cawo, n’amazu bubakiye abakozi yaramaze gusenyagurika. Ni uruhombo ku gihugu. Muvyumve rero iyo tuvuze ngo indongozi zikorere abenegihugu.” Yabivuze agabisha indongozi, n’abo bose bamogoreye igiturire ngo kuko nk’uko Bibiliya ibivuga, igiturire kiziba amaso, kikagoramika ingingo.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye yavuniye akagohe indongozi kudakorera ku maraporo zishikirizwa buri musi, nyabuna ngo nibishikire ku kivi bamenye uko ivyo bajejwe vyifashe.

Umukuru w’igihugu ati ” Ayo mahera ntituzoyaheba bazoyariha, kandi umugambi ntuzohebwa. Umushikiranganji ajejwe ubutare n’agataka nakore ibishoboka vyose muri izi ndwi zibiri aje hamwe n’abo bose bagize ico bakora muri uwo mugambi barabe ivyononekaye, baheze barabe uruhara rw’umwe umwe wese”. Ivyo akaba yabivuze ahumuriza benegihugu ko ibikorwa vy’urwo rugomero bizoca bitangura bikaba bizoba vyarangiye mu myaka itatu, naho bari biteze ko bitanguye mu mwaka wa 2011 bizoba vyarangiye muri 2017, bikaba vyahagaze ata co igihugu gishitseko.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye afata ako kanya arahimiriza abenegihugu bo muri ako karere, cane cane aho i Musigati muri zone ya Muyebe, kuja hamwe, bakaba ku mabarabara kugira ngo imigambi ya Reta ibashikeko. Iyo na yo ikaba ari nko kuronswa vyoroshe imyavu y’ikizungu, imbuto zirobanuye, kubafasha mu vy’indimo, na cane cane mu gihe c’ici n’ibindi vyinshi.

shares
error: Content is protected !!