Kirundi || Français

ONU iriyamiriza ibitero biheruka gukorwa mu Burundi

ONU iriyamiriza ibitero biheruka gukorwa mu Burundi

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito yahaye umubonano, kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Rusama 2021, Amb. François Louncény Fall, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru wa ONU mu karere ka Afrika yo hagati.

Yagize ati: “Mfashe kano kanya ngo niyamirize ibitero vyakozwe i Bujumbura, bifise intumbero yo guca intege ibikorwa vyakozwe kuva Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ashikiriye amabanga yo kurongora igihugu”. Ivyo akaba yabivuze ashima ko yakiranye urweze ukwitanga kw’Uburundi mu kugarukana isura nziza mu vya politike y’akarere ka Afrika yo hagati no muri Afrika y’ibiyaga binini.

Amb. Fall yongeye ati: “Turabateye intege ku bikorwa vyiza mwakoze mu gusubiza hamwe mu karere no mu kugarukana ikirere ciza mu karere k’ibiyaga binini.

Amb. Fall yaciye akeza Uburundi ku ruhara buzogira mu mezi atandatu bugiye kurongora Umurwi wamaho wa ONU ku kibazo c’umutekano mu karere ka Afrika yo hagati.

shares
error: Content is protected !!