Kirundi || Français

Reta y’Uburundi n’Ibanki y’Isi Yose bemeranije gukurikiranira hamwe imigambi y’iterambere

Reta y’Uburundi n’Ibanki y’Isi Yose bemeranije gukurikiranira hamwe imigambi y’iterambere

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Rusama 2021, uwujejwe ibikorwa mw’Ibanki y’isi yose, ku ruhande rwa Repubulika Iharanira Demokarasi Ya Congo, Angola, Burundi,Sao Tomé-et -Principe azwi kw’izina rya Jean Christophe Carret.

Amaze kumwiganira ido n’ido uko imigambi y’iterambere yafashijwe n’Ibanki y’isi yose yifashe, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamumenyesheje ko anezerejwe n’ukuntu umurwi w’abahinga b’Uburundi bakoranye n’iyo Banki. Ariko yerekanye ingorane zimwe zimwe zatumye badashika ku mwimbu bari biteze, aca yiyemeza gushiramwo impinyanyuro zishasha.

“Tugiye gushira abakozi ba Reta ku kivi, umwe wese mu gisata ajejwe, kandi imigambi ikorwa mu buryo bw’imfashanyo izotomorwa neza ishirwe mu bikorwa bishinze gukora”, uko ni ko Umukuru w’igihugu yavuze, anongerako ko hari ibikenewe gukorwa kugira igihugu gishike kw’ihangiro.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi akaba ari na we ndongozi mw’iterambere yiyemeje gushira inguvu mu ntwaro ibereye, mu kuduza umwimbu no kugabanya uburyo bukoreshwa, kurwana urugamba rwo kurwanya ubukene, kwitaho amagara y’abantu, no gukarihiriza ubwenge mu bijanye n’umwuga urwaruka rwarangije amashure atandukanye mugabo rutagira akazi, kugira ngo rugire ico ruterereye kiboneka mw’iterambere.

Jean Christophe Carret yagize ati: “Turatangarira cane ukuntu mubona ko igihugu comera, kandi natwe turiteguye gushigikira uwo mugambi munini w’iterambere”. Akagirako ariko asaba abarundi kumenya ko imigambi ije guteza imbere abarundi bagaheza bakayirangura neza.

Uwo muyobozi mw’Ibanki y’isi yaciye irya n’ino imigambi bipfuza gushigikira, ikaba ari imigambi muri rusangi izozana akunguko kanini.

shares
error: Content is protected !!