Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu arashima intambwe ibikorwa vyo gusanura ibarabara ry’igihugu nomero 1(RN1) bigezeko

Umukuru w’Igihugu arashima intambwe ibikorwa vyo gusanura ibarabara ry’igihugu nomero 1(RN1) bigezeko

 

Kuri  uyu wa gatandatu igenekerezo rya 30 nzero 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasanze ku kivi abenegihugu bo ku mitumba itandukanye y’intara za Bubanza na Bujumbura.

Mu mpanuro zitandukanye yahaye abenegihugu bo kuri iyo mitumba yagiye aracako, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabasavye nantaryo kwijukira ibikorwa vy’iterambere no kurwiza umwimbu.

Muri urwo rugendo, Sebarundi yaboneyeho n’akaryo keza, igihe yashika ahitwa i Matyazo, ko gusangira umunezero n’abenegihugu baho, bamwakiranye urweze, na cane cane ko yahabaye igihe kitari gito mu gihe c’intambara, igihe umugambwe CNDD-FDD wari ukiri umuhari.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasozereye bikorwa vyiwe vyo kuri uyu wa gatandatu muri komine Mubimbi mu ntara ya Bujumbura, aho yishikiye kwirabira ibikorwa vyo gusanura ibarabara ry’igihugu nomero 1 (RN1) ku ruhande rwari rwarononekaye, ahitwa mu Kinama ca Mubimbi. Ivyo bikorwa biriko birarangurwa n’igisata kijejwe ivy’amabarabara mu Burundi (Agence Routière du Burundi), bikaba bigeze ku ntambwe ishimishije.

shares
error: Content is protected !!