Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arasaba Abarundi gutandukana n’agatima k’agatimatare

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye arasaba Abarundi gutandukana n’agatima k’agatimatare

Mu gihe Ekleziya Katorika iramutse itangura ikiringo c’Ubushikiro, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro  Varisito Ndayishimiye yifadikanije n’abakirisu ba Paruwase Yohani Batista yo mu Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, aho yasavye abakirisu guhinduka, kwikuramwo agatima k’agatimatare, kugira turi kumwe twese twubake Uburundi bushasha.

Naho ibisomwa vyari bigabiye gushimikirwako vyari mu gitabu ca Yeremiya33:14-16, Izaburi 24, ikete rya mbere ryandikiwe ab’i Tesaronika, habaye gusomerwa ikete ryanditswe n’abungere b’Ekleziya rikaba ryashimikiye ku neza y’umuryango.

Ekleziya Katorika yiyemeje kurwanira ineza y’umuryango yishimikije inyigisho zikwiye zo gutegura urwaruka rukiri ruto gushika rushike mu bigero mu muhamagaro n’ibanga bimirije ryo kwubaka izabo kugira ntihagire abasubira kwisuka mu vyo batazi canke batiteguriye neza, guherekeza ingo ziri mu ngorane zitandukanye, guhimiriza gukoresha uburyo kama bwo kurondoka ku rugero,  n’ibindi.

Twomenyesha kandi ko muri uyu mwaka w’ivugabutumwa, Ekleziya Katorika igomba gushira inguvu ku muryango mu gihe igiye guhimbaza Yubire y’imyaka 125 imaze mu Burundi.

shares
error: Content is protected !!