Kirundi || Français

Kuraba ko Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta ruramira abenegihugu nkuko bitegerezwa, intumbero y’umwiherero w’abagize urwo rwego uriko urabera mu ntara ya Gitega

Kuraba ko Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta ruramira abenegihugu nkuko bitegerezwa, intumbero y’umwiherero w’abagize urwo rwego uriko urabera mu ntara ya Gitega

 

Kuva kuri uyu wa 3 Munyonyo 2021, ku kirimba c’Umukuru w’Igihugu i Gitega ku murwa mukuru wa poritike, hariko harabera umwiherero ku bagize Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta y’Uburundi, urongowe n’Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, kugira ngo barabe ko urwo rwego ruriko ruraramira abenegihugu nkuko bitegerezwa.

Mw’ijambo ryiwe ryo kugurura uwo mwiherero w’imisi ibiri watunganijwe ku bagize Reta y’Uburundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye avuga ati:”Twaje nk’urwego rumwe rwiyunze, tuje kuraba ko urwo rwego ruriko ruraramira Abenegihugu nk’uko bitegerezwa, haba mu gisata c’umutekano, mu butungane, kubatunganiriza mu kubona y’uko bishira bakizana, mu dukorwa twabo twa misi yose, mu bijanye n’imyuga n’ibindi bikorwa vy’iterambere”.

Kizigenza ati “Hariho ibindi bikorwa bisabwa n’Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta bijanye no gufasha Abenegihugu mu buzima bwabo busanzwe, nko gufasha abageze mu za bukuru ngo baronke impamba, canke ndetse Abenegihugu amagara abakitse bafashwe neza”. Ati kandi hari n’ibindi Urwego Nshingwabikorwa rwa Reta rujejwe gufasha bijanye n’imico kama n’inyigisho, mu bushakashatsi, mu kumenyesha amakuru, ko Abenegihugu baronka amakuru bikwiye, ko bisanzura haba mu nkino, mu micokama,…

Muri iyo nama kandi, kazoba akaryo ko kurabira hamwe ibijanye n’igisata c’ubutunzi, kugira ngo ico gisata gitere imbere, kuko hari vyinshi ico gisata gikenera ari narwo rubishiraho, hariho gutwara ibintu n’abantu, amasoko ntanganguvu, umuyagankuba, amazi, uburimyi ubworozi, amahinguriro, gutunganya ibijanye na bamukerarugendo n’ivyo ubuhinga ngurukanabumenyi. Ivyo vyose nivyo vyerekana ubutunzi bw’igihugu.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, ati iyo Urwego Nshingwabikorwa rudakora neza n’ubutunzi buca busubira inyuma, tutibagiye no kubungabunga itunga rusangi.
Agira ati “Ivyo vyose nivyo bidukoranije kugira ngo nk’urwego rumwe, tutavuga tuti ubushikiranganji bumwe bumwe, turabe ivyo Abenegihugu bakeneye ku rwego nshingwabikorwa rwa Reta”.

Umukuru w’Igihugu yavuze rero ko uyo mwiherero wakozwe kugira ngo muri aya mezi ya nyuma ahereza umwaka uwo ari we wese yisuzume, arabe neza ko ikivi ariko akijana nk’uko bitegerezwa, kugira ngo mu mwaka buca utangura bawutangurane ingoga nyinshi, ubuhinga n’ ubwitonzi, gurtyo bazowumare babona ko baramiye Abenegihugu.

Sebarundi ati: “Sinumva ingene Uburundi butari mu bihugu biteye imbere, mu gihe dufise ibintu vyose bibaho vyotuma dutera imbere. Turafise ubutare, isi nziza imera, igihugu gihagaze ahantu n’ibindi bihugu bigikenera cane, tukagira n’Abarundi b’incabwenge. u Burundi bwari bukwiye kuba igihugu giteye imbere cane, dutegerezwa kwiga igituma imbere kidateye imbere”.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yarangije amenyesha ko yizeye ko ibizova muri uyo mwiherero w’imisi ibiri bizoba bidasanzwe, kuko ngo bizobaha intumbero nziza izotuma bashika kw’ihangiro ry’uko Umurundi wese amererwa neza, akaroranirwa mu gihugu ciwe c’amavukiro.

shares
error: Content is protected !!