Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bifadikanije n’abakirisu ba Paruwase Buziracanda, mu guhimbaza umusi w’Imana

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’umutambukanyi wiwe bifadikanije n’abakirisu ba Paruwase Buziracanda, mu guhimbaza umusi w’Imana

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye bifadikanije n’abakirisu ba Paruwase Buziracanda iri muri komine Ndava y’intara ya Mwaro, mu nkuka ya misa yo kuri uyu wa 31 Gitugutu 2021, umusi w’Imana iyo Paruwase yahariye umweranda Papa Yohani wa 23 umuvunyi wayo, bikaba vyahuriranye n’ugutanguza icese umwaka w’ubutumwa wa 2021-2022.

Mu nsiguro zatanzwe, Patiri mukuru wa Paruwase Buziracanda Jean Marie Maneno yishimikije injiri ya Yezu Kristu yanditswe na Mariko12:28-34 ivuga cane cane ivyerekeye urukundo, ibwirizwa rya mbere mu yandi ma bwirizwa yose y’Imana.
Ahereye kuri iyo njiri, yasavye abakirisu gukunda Imana na bagenzi babo, kugira ubumwe no guharira.

Mu ndamukanyo yashikirije abakirisu imisa irangiye, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye Imana ku kuntu iguma irinda Uburundi, aca asaba abarundi bose gutsimbataza amahoro, bagakundana hagati yabo, bakaba mu bumwe, bagakora batiziganya kugira bagwize umwimbu mu bisata vyose vy’ubuzima bw’igihugu.

Ku vyerekeye ikiza ruhonyanganda Covid19 gihanze isi, Umukuru w’Igihugu yasubiye kwibutsa abarundi gukurikiza na ntaryo ingingo babwirwa n’ababijejwe kugira bikingire bakingire n’abandi.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaciye akeza abakirisu ba Paruwase Buziracanda ku ntambwe bagezeko mu bikorwa vyo kwubaka isengero nshasha, no ku mwaka ugira kane iyo Paruwase Buziracanda imaze ibayeho. Mu kubashigikira muri ivyo bikorwa vyo kwubaka isengero, umuryango w’Umukuru w’Igihugu waciye utanga imiliyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi.

shares
error: Content is protected !!