Kirundi || Français

Uburundi bwibutse ku ncuro igira 60 igandagurwa ry’incungu y’ukwikukira Umuganwa Ludoviko Rwagasore

Uburundi bwibutse ku ncuro igira 60 igandagurwa ry’incungu y’ukwikukira Umuganwa Ludoviko Rwagasore

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye n’izindi ndongozi z’igihugu nk’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Icegera c’Umukuru w’igihugu, Umushikiranganji wa mbere, abashingamateka n’abakenguzamateka, abashikiranganji bagize Reta y’Uburundi, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, basangiye igisabisho c’inkuka y’imisa yabereye kuri Cathédrale Regina Mundi mu kwibuka Umuganwa Ludoviko Rwagasore, incungu yo kwikukira kw’Uburundi

Patiri mukuru wa Paruwase Regina Mundi yaserukiye abungere biwe bari bafatiriwe, yishimikije ibisomwa vyeranda vyasomwe uyu musi muri Ekleziya aho iri kw’isi yose, yasavye indongozi gusenga basaba ubutungane muri bo, no gutahura uruhara rwabo mu mabanga bajejwe, kugira ngo bashobore gushikana igihugu ku butungane kuri bose.

Patiri mukuru wa Paruwase Regina Mundi Felix Fupi yabishimangiye mu kubabwira ati:
” Indongozi ziri ngaha mutegerezwa gutora neza abahanuzi badatinya kuvuga ukuri, kandi bubaha Imana kuko ari Yo izocira urubanza isi yose”

” Mube intungane, icera muvuge ko cera, icirabura ko cirabura, atari bimwe vyo kwiyamamaza, gurtyo Uburundi buzokira”.

Ibirori vyabandanirije ku ntatemwa y’Umuganwa atari umugani Ludoviko Rwagasore iri ku musozi wa Vugizo aho ingori z’amashurwe zashizweko, uhereye ku muryango wa Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umuryango w’umuganwa Rwagasore, n’imigambwe yemewe n’amategeko mu Burundi. Ivyo vyose bikaba vyabaye imbere yuko abari aho bumviriza ijambo umuhisi yashikirije inyuma y’amatora umugambwe UPRONA wari uhejeje gutsinda.

shares
error: Content is protected !!