Kirundi || Français

Abarundi bose bahamagarirwa kubungabunga imico kama ya ba sokuru, yo mushinge w’iterambere

Abarundi bose bahamagarirwa kubungabunga imico kama ya ba sokuru, yo mushinge w’iterambere

 

Mu gihe yari yateye iteka ibirori vyo gutanguza icese isabukuru ndangamico n’akaranga vy’igihugu ku ncuro ya mbere, ibirori biriko birabera ku kibuga citiriwe Intwari mu gisagara ca Bujumbura kuva kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Gitugutu 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yibukije abarundi bose ko bategerezwa kubungabunga no gukomeza imico n’akaranga vy’igihugu, vyo bizohesha iteka n’ijambo Uburundi mu makungu.

Ivyo birori vy’isabukuru ndangakaranga ry’igihugu ryatunganijwe ku ncuro ya mbere ngaha mu Burundi, ku civugo: “Twubake Uburundi bwakaka, dushingiye ku mico yacu”, bikaba vyatangujwe n’urugendo, intambo n’imvyino ndangamico n’akaranga aho imirwi itandukanye yo mu ntara zose z’Uburundi yabiciye bigacika mu kwerekana ibirori bijanye n’akaranga ka buri karere kose, aha tukavuga nk’intore zo mu Kirundo, ingoma zo mu Gishora, agasimbo k’i Makamba, n’ibindi.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, co kimwe n’izindi ndongozi zose zari zitavye ivyo birori, bararonse akaryo ko kugendera ibibanza vy’ihayanishwa ry’ibikoresho ndangamico n’akaranga biteye igomwe, vyari vyatunganijwe ku ntara zitandukanye, aho yabateye intege abipfuriza gutera imbere.

Mw’ijambo nyamukuru ryo kuri uyo musi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko iyo sabukuru ari akaryo keza ku barundi ko kwigira inama ku cokorwa mu kubungabunga no guteza imbere imico n’akaranga vy’Uburundi. Yaribukije Abarundi akamaro k’imico kama n’akaranga mu mibano no mw’iterambere vy’abarundi. Ati: “Nta gihugu na kimwe gishobora gutera imbere beneco batagize urunani”.
Ati ibikorwa vy’isabukuru y’imico n’akaranga k’Uburundi, bibere abarundi akaryo keza ko kwirimbura, kwungurana ubumenyi, guhanahana amakuru n’ivyiyumviro nko ku bijanye no gukomeza hamwe no kumenyekanisha imico n’akaranga vy’Uburundi twarazwe na basokuru.

Sebarundi yamenyesheje kandi ko abarundi bakeneye igihugu cakaka, cubatse kandi gitatse, aca abahamagarira kwitanga batiziganya mu bikorwa bitezimbere ibisata vy’utugenegene, amareresi, intambo n’imvyino n’ibindi bikorwa bitandukanye, kugira bagwize umwimbu.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, akaba kandi yahamagariye abarundi gufata imico n’akaranga nk’ikiraro kibasanisha n’abandi Barundi benewabo, ikongera ikabereka ubudasa bwabo n’abanyamahanga. Ati ” Imico yacu niyo itugira ihanga; nico gituma imico kama ari ntasubirizwa mu buzima bw’abenegihugu”. Yaciye asaba urwaruka rw’Uburundi kubandanya batera intambwe mu bumenyi butandukanye, bakamenya gukoresha ubuhinga bwa none bwo guhanahanahana amakuru, ariko nyabuna bakirinda ico cose coza gitosekaza imico n’akaranga ka ba sokuru. Ati “Abarundi bari bakwiye kumenya ko igihugu kitagira imico n’akaranga kimeze nk’igiti kitagira imizi”.

Mu bijanye n’iterambere, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaribukije kandi ko kuva kera na rindi Abarundi barakorera hamwe ibikorwa vy’iterambere biciye mu kibiri, kugira bagwize umwimbu. Yaciye asaba abarundi bose kwijukira gukorera hamwe mu mashirahamwe no mu makoperative, kugirango bateze imbere igihugu.

Imbere yo kurangiza iryo jambo ryo gutanguza icese ibikorwa vy’isabukuru rya mbere ndangakaranga ry’igihugu, Umukuru w’Igihugu yahamagariye Abarundi bose na cane cane urwaruka, kugira ubushakashatsi bisunze imibereho, ubwenge n’ubushobozi bwa ba sokuru mu bisata bitandukanye nk’ic’ubutare, amahinguriro, amagara y’abantu, ubudandaji n’ibindi, kugirango batezimbere igihugu cabibarutse.

shares
error: Content is protected !!