Kirundi || Français

Ikivuko ca Bujumbura kigiye kwugururira Uburundi imihora yo guhanahana ibidandazwa

Ikivuko ca Bujumbura kigiye kwugururira Uburundi imihora yo guhanahana ibidandazwa

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yatanguje kuri uyu wa kane ibikorwa vyo kwubaka ku buryo bwa kijambere ikivuko ca Bujumbura, ivyo bikorwa bikazorangurwa mu kiringo c’imyaka ibiri n’ishirahamwe ry’abayapani JICA ku giciro c’imiliyoni 31 z’amadolari.

Ico kivuko kimaze kwubakwa ku buryo bwa kijambere kizofasha kwakira ibidandazwa vyinshi no kugabanya igiciro cavyo co kuvyunguriza, gurtyo rero biteze imbere ubutunzi bw’Uburundi mbere n’akarere.

Bífashwe mu mugongo na Reta y’Ubuyapani, ikivuko ca Bujumbura kizogira aho amakonteneri yururukirizwa, hazoba gukatisha amazi yazanana mu Buyenzi akisuka muri Tanganyika, hongere himbwe kugera ku metero cumi uja munsi aho ubwato bushikira.

Uwuserukira igihugu c’Ubuyapani mu Burundi Masahiro IMAI yashimiye Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ko yama atera intege abariko barakora bateza imbere ubutunzi bw’Uburundi. Yaciye asaba ko hoba gufashanya gukomeye mu bijanye n’ibirabana n’abahinga. Yaciye yongerako ati: ” Inama mpuzamakungu y’i Tokyo kw’iterambere rya Afrika ( TICAD mu mpfunyapfunyo) izobera mu gihugu ca Tunisia mu 2022 izoba akaryo keza ko kunoganza imigenderanire iri hagati y’ibihugu vyacu uko ari bibiri”.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye afashe ijambo yagize ati: ” Inzira ziratanguye kwuguruka. Umwe wese ukwiwe, no mu runani agire ico akora. Kugira isoko ni kimwe, ariko iterambere rizoboneka ari uko umurundi wese aronka ico ashora”. Yabivuze yerekana ko ico kivuko kigiye kworosha ivyo gutwara abantu n’ibintu, igihugu kikazoba cugururiye uburere bwa Afrika y’Ubumanuko, Afrika y’Ubuseruko, mbere no kw’ibahari.

Umukuru w’igihugu yashimiye igihugu yaciye ashimira Reta y’Ubuyapani yamye ishigikira Uburundi kuva kera no mu bihe bigoye. Yaciye asaba ko iyo Reta yoshira mu ngiro imigambi yiyemeje mu bijanye no kwubaka amabarabara mu gisagara ca Bujumbura, amamodoka atwara abantu benshi, gutanga amazi meza mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura,…n’ibindi. Ntiyibagiye ariko guca atera intege abandi basanzwe bafasha nk’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika, Ibanki y’isi yose, Ibanki y’iterambere BAD biteguye gukora ibindi bikorwa bijanye no ngaho ku kivuko ca Bujumbura kugira kizotange umusaruro mwiza.

Muri ico gisata nyene co gutwara abantu n’ibintu, umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagendeye umugwizatunga yigenga azwi kw’izina rya UWIRAGIYE François ariko aratunganya ikivuko ciwe ku nkengera z’ikiyaga ca Tanganyika mu karere ka Kabezi aho bamaze gutangura kwubaka ubwato buzoshobora gupakira itoni zirenga 1600.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakoze ivyo bikorwa vyose yari yabanje kwakira ku Kirimba i we uwo aserukira igihugu c’Ubuyapani Masahiro IMAI, bakaba bayaze ibijanye no gutwara abantu n’ibintu, ibijanye n’indero, n’ivyo bikorwa rero vyo kwubaka kijambere ikivuko ca Bujumbura.

shares
error: Content is protected !!