Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahamagarira Umurundi wese gutahurako afitiye ideni igihugu ciwe

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahamagarira Umurundi wese gutahurako afitiye ideni igihugu ciwe

 

Kuri uyu wa gatatu, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabonaniye kw’ihoteli Royal Palace yo mu gisagara ca Bujumbura n’abarundi bakorera imirimo yabo mu bindi bihugu biri mu mpande zine z’isi.

Ahejeje kubaha ikaze mu gihugu kivyeyi cabo, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yafashe akanya arabaganirira arabereka igituma bibereye kugumya umuco wabo w’ikirundi mu bihugu babamwo.

Ati:” Aho kugira inyifato mvamahanga, mwari mukwiye kwisunga kahise k’igihugu kamye karangwa no gukingira agateka ka zina muntu, gukingira igihugu no gufatana mu nda”.

Ati:”nta wobesha ngo arakunda igihugu asanzwe akivuga nabi haba mu bwihisho canke ku mugaragaro, ndetse no mu kugicafuza”.

Umukuru w’igihugu Ndayishimiye aríko arahamagarira abarundi bose muri rusangi gukunda igihugu cabo, abibutsa ko ari itegeko ngo umwe wese akorere igihugu ciwe n’inguvu ziwe zose, n’ubwenge bwiwe bwose, atari nk’umucangero, kuko agifitiye ideni ry’uko camureze.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye agereranya kahise k’Uburundi n’aka Israël. Ati ijambo ry’Imana rivuga ngo babwiwe guhagatira inkota baricana kandi bavukana, ati ivyo bikaba ari vyo vyanabaye mu Burundi. Ati ni aho abarundi rero bokwongera kwiyunga, bagahariranira, bakubaka iterambere rirama.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye arababazwa n’abarundi bamwe bamwe bacirondeza ibitaja-ntibize vyobatandukanya aho kwegerana bakubaka igihugu cabo. Ati ubu turiko turahimiriza indongozi gutunganiriza abarundi bose ata nkunzi kugira ngo ntihabe imyidogo iyo ari yo yose.

Abarundi bakorera imirimo yabo mu bindi bihugu bafashe ijambo umwe umwe barashikiriza Nyenicubahiro umukuru w’igihugu ugushaka kwabo mu guterera imigabo n’imigambi ya Reta Mvyeyi/Reta Nkozi.

Umukuru w’igihugu yashimiye abo barundi kubona bitavye uwo mubonano wabaye akaryo keza ko kubugurura amaso mu gukunda iterambere ry’igihugu cabibarutse.

shares
error: Content is protected !!