Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahamagarira umuntu wese kwubaha ingoro y’Imana

Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye ahamagarira umuntu wese kwubaha ingoro y’Imana

 

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe n’umuryango wiwe wose bifadikanije n’Ishengero ry’Abagenzi mu birori vyo kwinjira isengero rishasha ryubatse Ku musozi wa Nyarurambi muri komine Rutegama mu ntara ya Muramvya aho yasavye abakozi b’Imana kwubaha ingoro z’Imana.

“Afatiye Ku njili ntagatifu isobanura neza uko Yezu Kristu yirukanye abariko baradandariza mu ngoro y’Imana, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze ati:” Imana idusaba kwigisha urukundo, ukwubaha no gukora”.

Ati:”kwubahiriza amabwirizwa meza yo kwirinda Covid19, igihugu carateye intambwe nini mu kurwanya ingwara zifatiye ku bucafu”, ati nta handi vyavuye atari ku rukundo nokwubaha uburongozi.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye Ishengero ry’Abagenzi ku tuganuke bamutekereye n’umuryango wiwe nk’ikimenyetso co kumukengurukira ku ntererano yabafashishije.

Twobamenyesha ko n’Umuyobozi Mwishikira mu Biro vy’umukuru w’igihugu, akaba n’Umukirisu w’iryo shengero nyakwubahwa Nizigama Gabriel yari muri ivyo birori, we n’umuryango wiwe bakaba bashimiwe ku ntererano yabo irenza ibice 75% y’ibikorwa vyakozwe kuri iyo nyubakwa.

shares
error: Content is protected !!