Kirundi || Français

Mu rugendo Umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya arimwo mu Burundi: Harasinywe amasezerano 8 yo gufashanya

Mu rugendo Umukuru w’Igihugu ca Tanzaniya arimwo mu Burundi: Harasinywe amasezerano 8 yo gufashanya

 

Umukuru w’igihugu ca Tanzania ashitse ku kibuga c’indege mpuzamakungu citiriwe Melchior Ndadaye, yakiriwe n’Icegera c’Umukuru w’igihugu Nyakwubahwa Prosper Bazombanza, akaba ari we yaciye amushikana ku Kirimba c’Umukuru w’Igihugu citiriwe Ntare Rushatsi. Ni naho yabonaniye na Mugenziwe w’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye mu mwiherero, wahavuye ukurikirwa n’ibiganiro vyavuyemwo isinywa ry’amasezerano umunani yo gufashanya:

Ku vyerekeye ibiganiro bijanye na politike n’imigenderanire, mu gisata c’ubutare n’agataka, mu gisata c’amasoko ntanganguvu, mu gutanga inyigisho z’igiswahili mu Burundi n’iz’igifaransa muri Tanzania, mu gisata c’amagara y’abantu, mu guhanahana abanyororo, mu gisata c’uburimyi, mu gisata co kuroba.

Nkuko vyavuzwe mw’itangazo ryashikirijwe mu mwanya w’ibiganiro, Nyenicubahiro Samia Suluhu Hassan yiboneye ibikorwa bikuru bikuru bimaze kurangurwa na Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito mu bijanye no gutsimbataza amahoro n’umutekano, no kwihesha iteka nka Repubulika y’Uburundi. Yatangariye n’inguvu zidasanzwe mu bijanye no kuzamura igisata c’ubutunzi, gusubiza hamwe, kwubahiriza amategeko, demokarasi n’intwaro ibereye mu gihugu.

Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yashimiye igihugu ca Tanzania kuba carakiriye impunzi z’abarundi bo mu myaka ya 1972 gushika ubu, n’ugufatana mu nda kwabaranze iyo myaka yose. Yashimiye cane ico gihugu kibanyi co mu Buseruko ku ruhara rwaco mu masezerano y’amahoro no gusubiza hamwe y’i Arusha, no mu mugambi wose wo guhariranira no gusubiza hamwe mu Burundi.

Abo bakuru b’ibihugu bikeje kubona Uburundi bwarakuwe ku rutonde rw’ivyigwa agasakisaki muri ONU no muri UA, n’ikurwa ry’ibihano vyafatiwe Uburundi n’abasanzwe babufasha. Baciye basaba abandi bari basanzwe bafasha mw’iterambere ry’Uburundi ariko batarakuraho ibihano babufatiye mu mwaka wa 2015 kubikuraho vuba, kugira Uburundi buzamuke mw’iterambere ry’imibano n’ubutunzi.

Mu kiganiro cahawe abamenyeshamakuru, Umukuru w’igihugu ca Tanzania yamenyesheje ko urwo rugendo yakoze mu Burundi ruri mu ntumbero yo gushimangira imigenderanire y’ubuvukanyi no gufashanya hagati y’Uburundi na Tanzaniya. Yongeye kandi amenyesha ko urwo rugendo ari akaryo keza ko gukengurukira abarundi ku kuntu bifatanije n’abatanzaniya mu gihe bari mu bihe bigoye vyatewe n’urupfu wa Nyenicubahiro John Pombe Magufuli.

Umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan yongeye kumenyesha ko yari aje gukeza ubwiwe abarundi, naho atashoboye kuza kwifatanya na bo mu birori vyo guhimbaza itariki 1 Mukakaro 2021, aho abarundi bari baramutse bahimbaza imyaka 59 bamaze bahabuje intahe y’ukwikukira kwabo.

  1. Mu bindi bikorwa azorangura muri urwo rugendo arimwo mu Burundi, Umukuru w’igihugu ca Tanzania arategekanya no kubonana n’abavukagihugu ca Tanzania baba mu Burundi, hamwe rero no kwitaba inama izohuza abagwizatunga b’Uburundi na Tanzania.
shares
error: Content is protected !!