Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba Abarundi gukomeza ukwikukira mu gusonera ubutaka bw’igihugu, itunga rusangi, ubuzima bw’umuntu n’amategeko

Umukuru w’Igihugu asaba Abarundi gukomeza ukwikukira mu gusonera ubutaka bw’igihugu, itunga rusangi, ubuzima bw’umuntu n’amategeko

 

Kuri uyu wa mbere Mukakaro 2021, niho abarundi bari baramutse bahimbaza isabukuru ry’imyaka 59 irangiye bahabuje intahe y’ukwikukira. Ibirori vyatangujwe no gushira ingori z’amashurwe no kwunamira intatemwa y’uwaharaniye ukwikukira, Umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, no Ku kibanza citiriwe ukwikukira kw’Uburundi.

Iruhande y’abubahwa batandukanye barongoye inzego nkuru nkuru z’igihugu, ivyo birori vyatewe iteka kandi n’abashitsi mvamakungu batandukanye, uhereye ku Mukuru w’Igihugu ca Centrafrika, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ya Kenya, Abashikiranganji ba mbere ba Tanzania n’Uwanda, intumwa zidasanzwe za Congo Brazzaville, Quatar, Egypte, Ouganda n’ahandi.

Mw’ijambo yashikirije, yavuzeko uyu musi werekanyeko Uburundi bwikukiye koko, uravye abashitsi baje kwifadikanya n’abarundi mu birori vyo kwibuka imyaka 59 irangiye bwikukiye. Yashimiye Umukuru w’Igihugu ca Centrafrika Nyenicubahiro Faustin-Archange Touadera yigoye agashika mu Burundi kwifadikanya natwe muri uyu munezero udasanzwe.

Afashe ijambo, Umukuru w’Igihugu ca Centrafrika yashimiye abarundi, cane cane Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ku rukundo ntangere abarundi badahengeshanya kwereka abenegihugu b’ico gihugu. Yashimiye ingene abarundi bamwakiriuye, anashima imigenderanire myiza y’ubucuti n’ubuvukanyi hagati y’ibihugu vyacu uko ari bibiri, aca aranakeza abarundi kuri iryo sabukuru ry’imyaka 59 irangiye bahabuje ukwikukira kwabo. Yarangije amenyesha ko atako atazogira kugirango ubucuti, imigenderanire myiza no gufashanya buri hagati y’abarundi bitsimbatare.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ya Kenya nawe, mw’ijambo ryo kuramutsa abarundi yavuzeko Uburundi na Kenya bisangiye ibitari bike mu bisata bitandukanye, agakeza abarundi ku ntambwe nziza bariko baratera mw’iterambere ry’igihugu cabo. Yashikirije indamutso z’Umukuru w’Igihugu ca Kenya ku barundi, aho abipfuriza umusi mukuru mwiza, agatangaza ko imigenderanire myiza isanzwe iri hagati ya Kenya n’Uburundi ibwirizwa gutsimbatazwa mu bisata vyose.

Umushikiranganji wa mbere w’Igihugu ca Tanzaniya nawe yaserukiye Umukuru w’ico gihugu muri ivyo birori vyo guhimbaza ukwikukira kw’Uburundi, yamenyesheje ko Umukuru w’ico gihugu ca Tanzaniya ashimishwa cane n’uburongozi bwiza, ubutwari, ubukerebutsi, intwaro ibereye n’intambwe nziza mw’iterambere ry’igihugu c’Uburundi burongowe na Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye. Yemereye abarundi ko Tanzaniya ataco itazokora kugirango ubuvukanyi hagati ya Tanzaniya n’Uburundi ishisjikare gutsimbatara.

Nayyo Umushikiranganji wa mbere w’Igihugu c’Urwanda, yabakeje nawe nyene abarundi, amesha ko Urwanda rwifadikanije na benewabo n’abarundi kuri uyu musi udasanzwe. Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye, yamenyesheje ko kubona igihugu c’Urwanda kiza kwifadikanya n’abarundi muri ivyo birori mugihe hari haheza igihe kitari gito imigenderanire hagari yacu n’abanyarwanda icumbagira, ngo ni intambwe nziza cane,yerekana ibihe bishasha hagati y’ivyo bihugu.

Ivyo birori bikaba vyatewe iteka kandi n’intumwa zidasanzwe z’abakuru b’Ibihugu vya Congo Brazzaville, Quatar, Uganda, Misiri, Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini, Ishirahamwe ry’abarabu, Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, n’abandi. Bose mu ndamutso bagiye barashikiriza abarundi, bamenyesheje ko ibihugu n’amashirahamwe baje baserukira bishima intambwe nziza Uburundi buriko buratera mu bisata bitandukanye. Bipfurije abarundi umusi mukuru mwiza w’isabukuru ry’imyaka 59 bahabuje intahe y’ukwikukira kwabo, babipfuriza kandi gushishikara gutera intambwe mw’iterambere, bemeza ko bazobandanya babafata mu ugongo.

Mw’ijambo nyamukuru ryo kuri uyo musi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagarutse kuri kahise karanze igihugu imbere y’umuzo w’abakoroni, aho Uburundi cari igihugu cifashe, cigaba kikigaburira, gifise abagabo b’ijunja n’ijambo. Ati, uyu musi abarundi bari mu ntambwe yo gukubitiza amaso inyuma, bagasesangura neza, bagacukura kahise katosekaje igihugu, gutso bakamenya ukuri maze bagaheza bagasezerera burundu iyo mbuto mbi y’amacakubiri yabibwe n’abanyamahanga. Ati vyaragaragaye ko mu Burundi ata moko ariyo, ariko ko amacakuniri yasinzikaje igihugu yazanywe na ba sesankuyoze.

Muri kino gihe kidasanzwe co kumenya ukuri kuvyanyoshe abarundi mu ntumbero yo gutera intambwe nshasha, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye amakungu gushigikira Uburundi, na cane cane kwirinda kurwa mumutego w’abarundi bamwe bamwe bataye umurongo. Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi nabo gutsimbataza intahe yo kwikukira naronse bigoranye. Yabasavye gusonera ubutaka bw’uburundi, itunga rusangi, ubuzima bw’umuntu n’amategeko. Sebarundi yarangije ahamagarira abarundi bose kugira uruhara muri urwo rugamba rwo kumenya ukuri mu ntumbero yo kunywana, aremesha abarundi bose bafise ico bazi kuvyashikiye Uburundi kubishikiriza atabwoba, ati nta n’umwe azokwagirizwa ivyakozwa n’abandi, ariko gikuru ngo n’uko ivyakozwe vyose bija ahabona, maze abarundi bakarekuriranira, igihugu kigafanta iyindi ntambwe nshasha.

shares
error: Content is protected !!